Umupastori wo muri Afrika yepfo amija umuti wa Doom mu bakristu

Image caption Lethebo Rabalago avuga ko umuti wo kwica udukoko "Doom" ushobora gukiza "cancer" canke HIV

Avugira ku rubuga rwa "Facebook" umuvugabutumwa Lethebo Rabalago avuga ko umuti wica udukoko witwa "Doom" ushobora gukiza abantu.

Uwo mu pastori aturuka muri Afrika yepfo yamije uwo muti ku banyeshengero biwe, ihinguriro riwukora rikaba rivuga ko hashobora kuba ingaruka mbi ku bamijiwe, reta nayo igasaba ababikorewe kwitura ubutungane.

Uwo muvugabutumwa we yisiguye abwira BBC ko akoresha uburyo abandi batamenyereye mu gukiza abanyagihugu.

Mu gihugu ca Afrika yepfo hamaze imisi haduka inyifato nka mweniyo aho abanyeshengero bagirigwa imihamuro itandukanye bifuza gukira.

Ku mafoto amaze imisi aca kuri "Facebook" no kuri "Twitter", Rabalago afise ishengero "Mount Zion General Assembly" mu ntara ya Limpopo, aboneka amija umuti wica udukoko mu maso no ku bindi bihimba vy'umubiri ku banyeshengero.

Yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC Nomsa Maseko ko yamije uwo muti mu maso y'umugore w'ishengero ryiwe kuberako yarafise ijisho ryagize ikibazo ko munyuma uwo mugore yumvise yakize kuberako "yemera ubushobozi bw'Imana".

Yavuze ko uwo muti w'udukoko ushobora gukiza na "cancer" hamwe na HIV.