Abakunzi ba United baraye muri "toilette"ku wa gatanu

Abakunzi ba "Manchester United" bakurikira urukino banganijemwo na Arsenal (1-1) Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakunzi ba "Manchester United" bakurikira urukino banganijemwo na Arsenal (1-1)

Abakunzi babiri b'umurwi Manchester United baraye mu kazu ka surwumwe mu nyubakwa Old Trafford bipfuza gukurikira urukino rwa bukeye ku wa gatandatu ruhuza uwo murwi na Arsenal.

Abo bakunzi b'uwo murwi bari biriwe batembera baraba ikibuga c'umupira munyuma bikura mu murwi barimwo.

Bafashwe bukeye ku wa gatandatu mu gitondo n'abajejwe umutekano w'ico kibuga, munyuma bashikirizwa igipolisi ariko naco kiruhira kubarekura.

Umurwi wa Manchester United uvuga ko ata kibi kirimwo ko abakunzi bawo baza kuraba urwo rukino rwabahuza na Arsenal.

Abo bantu babiri bari babanje gusakwa hanyuma ibintu vyabo bicishwa mu mashini imbere yuko baja kuzunguruka ku kibuga.

Ivyo bibaye inyuma y'amezi atandatu mu rukino rwahuza Manchester United na Bournemouth ku kibuga Old Trafford aho vyabaye ngombwa ko urukino ruhagarikwa inyuma yaho abajejwe umutekano basanze isaho mu kazu ka surwumwe.

Basanze cari igisasu kitica cibagiriwe aho, cari cakoreshejwe mu myimenyerezo mu ndwi yaheruka.