Nyamugigima yateye umwuzure mu Buyapani

Abaraba ivyerekeye ibirere bari bavuze ko ico Nyamugigima cari kuba gifise ibipimo vya 7.4 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abaraba ivyerekeye ibirere bari bavuze ko ico Nyamugigima cari kuba gifise ibipimo vya 7.4

Nyamugigima ifise inguvu za 7.4 ku bipimo Richter cumvikanye mu karere ka Fukushima na Miyagi mu Buyapani gitera imikuba y’uburebure imitero imwe.

Ico ca nyamugigima cumvikanye isaha cumi na zibiri zo mu gitondo zo mu Buyapani (21:00 GMT) ku wa gatanu, nk’uko bivugwa n’igisata ihindagurika ry’ibihe mu Buyapani (JMA).

Abantu basabwe guhungira hejuru ku misozi, mu gihe hari ubwoba ko imikuba y’amazi ishika ku metero zitatu.

Hari inkuru zakwiragijwe ko hari abantu benshi bakomeretse ari atari cane, kandi ko hari ibintu vyononekaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abantu bo mu karere ka Fukushima bari bagabishijwe

Ikindi ca nyamugigima cabaye mu 2011 gituma umuwuzure uhitana abantu barenga 18.000.

Ico ca nyamugigima, kimwe mu bikomeye bitari bwaboneke, carononye urugomero rwa nicleyere rwa Fukushima.

Gushika ubu igikorwa co gukura imicafu muri ico kibanza kiracabandanya.

Abategetsii bavuga ko ata bimenyetso bigaragaza ko hari ibindi bintu vyononekaye kuri urwo rugomero.

Image caption Ikarata y'Ubuyapani

Abaraba ivyo ubutaka muri Amerika bari bamenyesheje ko ico ca nyamugigima kiza kuba gifise igipimo ca 7.3, ariko mu nyuma bavuga ko kiza gushikana 6.9, igipimo kiri hasi ugereranije n’icari cavuzwe na bagenzi babo bo mu Buyapani.

Igisata kiraba ihindagurika ry’ibihe kivuga ko ico ca nyamugigima gifitaniye isano n’icari cabaye mu 2011.