Patiri Thomas Nahimana buca ashika mu Rwanda
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Umukuru w''Ishema ry'Urwanda' yatashe mu Rwanda

Patiri Thomas Nahimana avuga ko we na bagenzi be batatu buca bagera I Kigali gutanguza imirimo y'uyo mutwe wa politike mu Rwanda.

Muri gahunda yawo harimo kuwandikisha no kuja mu matora y'umukuru w'igihugu mu mwaka uza.

Atahutse mu Rwanda mu gihe ibitangazamakuru bimwe vyo muri ico gihugu bimurega kunyuza ku rubuga 'Le Prophete' yanshinze, ivyiyumnviro bibiba amacakubiri no guhakana jenoside.

Ivyo ariko Patiri Thomas Nahimana arabihakana.

Umva hano hejuru Patiri Thomas Nahimana.