Abashigikiye Trump bababajwe n'ukudakurikiranwa kwa H. Clinton

Donald Trump na Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Donald Trump na Hillary Clinton

Abatoye Donald Trump baramushavuriye inyuma yo gufata ingingo yo kutazokurikirana imbere y’amategeko uwo bahiganye Hillary Clinton kuvyerekeye mails zakoreshejwe nabi.

Abo bakorana bamenyesheje ku musi wa kabiri ko atazokora ivyo yemeye vyo kuruhuka ashize mw’ibohero umupfasoni Clinton.

Trump yasiguye mu nyuma ko ingingo nk’iyo ishobora gutera umwumvikano muke.

FBI barejeje umupfasoni Clinton, ariko abashigikiye Trump bagumye baririmba ngo “Lock her up” (napfungwe), mu myiyamamazo yiwe.

Abashigikiye Trump bavuga ko adakurikije ivyo yemereye abamutoye.

Urubuga rwa Redstate.com rwavuze ko ingingo ya Trump yo kutagena umushikirizamanza adasanzwe yo gukurikirana ivyo umupfasoni Clinton yagirizwa, nk’uko yari yavyiyemeje, izogaragaza ukuri ko “ we ari umuntu yiyemeye gusa mu gihe c’ukwiyamamaza”.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Mu myiyamamazo abashigikiye Trump baranezerejwe n'uko abemereye gupfunga Hillary Clinton

Urubuga rwa Breitbart, rumwe muzishigikiye cane Trumo, na rwo nyene rwanebaguye iyo ngingo ruvuga ko “ ari amasezerano adashizwe mu bikorwa”.

Mu gihe co kwiyamamaza, Trump yavuze ko uwo bari bahanganye ari umuntu mubi cane, kandi ko azokora uko ashoboye kugira amushikane imbere y’ubutungane.