FBI ntigikurikiranye Brad Pitt

Brad Pitt ashaka ko we na Jolie barerera hamwe abana batandatu batunze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Brad Pitt ashaka ko we na Jolie barerera hamwe abana batandatu batunze

Umukinyi wa sinema Brad Pitt nta caha na kimwe kigiye kumukurikirana inyuma y'itohoza mu vyo aregwa kuri umwe mu bana biwe, niko FBI yavuze.

Uwo mugabo yatsindiye agashimwe "Oscar" yagirizwa kuba yafashe nabi umuhungu wiwe Maddox w'imyaka 15, bari mu ndege yari ibakuye mu Bufaransa ibatwaye Los Angeles.

Angelina Jolie yaciye amwitwarira asaba ngo bahukane nuko yorera wenyene abana batandatu batunze.

Inyuma y'itohoza ry'abakozi bo mu gisata c'imibano, bavuze mu ndwi zibiri ziheze ko Pitt atakimwagira.

FBI yavuze iti: "Mu kwishura ku bijanye n'ibirego bijanye n'urugendo rw'indege...itwaye Brad Pitt n'abana biwe, FBI yasubiye kwihweza ingene vyagenze isanga itobandanya amatohoza.

"Nta caha na kimwe twasanzemwo".

Pitt afise imyaka 52 y'amavuko asaba ko amategeko yomuha uburenganzira bwo kurerera hamwe n'umugore wiwe abana babo batandatu, batatu muribo b'abazanano bakaba baregwa na Angelina Jolie imbere yuko batangura gukundana mu mwaka w'i 2004.

Pitt na Jolie bagize ubukwe mu myaka ibiri iheze, mu mwiherero ku rugo rwabo ruri ahitwa Provence.