Patiri Nahimana ntarashika mu Rwanda

Patiri Thomas Nahimana n'abo bari kumwe ku kibuga c'indege ca Jomo Kenyatta
Image caption Abakuru b'umutwe Ishema ry'Urwanda baracagomye i Nairobi

Thomas Nahimana n'abo bari kumwe batatu, inyuma y'umutaga w'uyu munsi bari bakiri ku kibuga c'indege ca Jomo Kenyatta i Nairobi muri Kenya, mu gihe indege bategenya gutahamwo yo yari imaze kugera iKigali.

Patiri Thomas Nahimana, yabwiye BBC ko ikompanyi y'indege ya Kenya Airways bari kujamwo, yabamenyesheje ko batemerewe guhonyora ku butaka bw'Urwanda.

Patiri Thomas Nahimana yavuye i Paris mu Bufaransa ejo ku munsi wa kabiri, mu ntumbero yo kuja kwitegurira amatora yo mu mwaka uza mu gihugu.

Ari kumwe na Nadine Claire Kasinge na Chaste Gahunde, bakaba bateganya guhitana uwundi muntu umwe imbere yo gushika iKigali.

Ku kibuga c'indege ca Kigali, abari bategereje abo banya politike n'ubu ntibarakubita ijisho abo banyapolitike.

Ikinyamakuru co ku rubuga rwa internet, " Le Prophet.fr " kiravugwa ko gitangaza amakuru agaragaza ivyiyumviro vyo guhakana no gupfovya jenoside.

Thomas Nahimana ariko avuga ko abavuga ivyo ari abashaka kwugara urubuga rwa politike no gucecekesha abatavuga rumwe na leta.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Patiri Thomas Nahimana n'abo bari kumwe bagomye Nairobi

Aho yari ku kibuga c'indege ca Nairobi, Patiri Thomas Nahimana ytiganiye BBC uko ibintu vyabagendeye.