Kurwanya ubutegetsi bw'igitugu
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Umukenyezi w'intwari mu kurwanya ubutegetsi bw'igitugu

Mu kwezi kwa gatanu, ifoto idasanzwe yakwirakwijwe ku mbuga za internet yerekana abantu bagera ku 300 bambaye impuzu zisa bafise amabendera y'umugwi wo muri Suede, ushingiye ku vyiyumviro vy'aba Nazi.

Umugore w'umwirabure, yahagaze imbere yabo aduza igipfunsi, atangira inzira bacamwo.

Iyo foto yabaye ikimenyetso co guhangana n'intagondwa zishingiye ku vyiyumviro bikumira, zikomeza kwiyongera mu bihugu vy'uburaruko bwa Bulaya.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ifoto ya Tess Asplund, imbere y'umugwi wo muri Stokholm wanka abanyamahanga

Uyo mugore yitwa Tess Asplund, afise imyaka 42, asanzwe aba Stockholm ahari umugwi w' intagondwa nk'izo zifuza ko abantu bose batamuka mu bihugu vya Bulaya ya ruguru mu gace ka Scandinavie birukanwa mu gihugu.

Ariko Tess Asplund avuga ko atazoreka iyo ntambara amaze mwo imyaka 15 yo guhangana na bo.

Tess Asplund, ari mu bakeneyzi batoranijwe na BBC mw'isekeza ryo guha urubuga abagore no kubwira isi ivyo bakora, ryahawe intsindagirajambo ya 'abagore 100' #100women.