Inteko zijejwe umutekano za Nigeria "zishe 150 mu myiyerekano"

Imigumuko y'abarondera ukwikukira kwa Biafra
Image caption Imigumuko y'abarondera ukwikukira kwa Biafra

Inteko zijejwe umutekano za Nigeria zishe abantu barenga 150 bari mu myiyerekano kandi batekanye mu kwezi kw'umunani 2015, uko ni ko ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu cavuze.

"Amnestie Internationale" ivuga kw'igisirikare c'igihugu yakoresheje amasasu y'ukuri gishwiragiza abantu bari mu myiyerekano bamamaza ukwikukira kw'intara ya Biafra.

Igipolisi ca Nigeria kirahakana ibirego bivuga ko cakoresheje inguvu nyinshi.

Igisirikare c'igihugu kivuga ko "Amnestie" yipfuza kubambika ibara.

Icegeranyo ca "Amnestie Internationale"cakorewe ku biganiro ico kigo cagiranye n'abantu 200, amafoto arenga 100 hamwe na videos 87.

Mu birego biri muri ico cegeranyo, harimwo ivyo "Amnestie" yita "ubwicanyi ndengerabutungane", aho kivuga ko abantu 60 barashwe baricwa ahitwa Onitsha, mu minsi ibiri yakurikirana n'umunsi wahariwe ukwibuka Bifra mu kwezi kwa gatanu mu mwaka 2016.

"Ukwo gukoresha inguvu ata kwinona kwatumye niburiburi abantu 150 bapfa, dufise ubwoba kw'ico gitigiri gishobora kuba no hejuru", uko ni ko Makmid Kamara arongoye vy'agateganyo Amnestie yo muri Nigeria yavuze.

Image caption Umugabo abajejwe umutekano bashesheko "acide"

Abandi bagize ivyago bavugwa muri ico cegeranyo barimwo umugabo w'imyaka 26 yarasiwe ahitwa Nkpor, ariko yinyegeza mu mufurege, ubu akiriho. Avuga ko igihe abasirikare bahamusangiye ko bamushesheko "acide" bamubwira ko azopfa buhorobuhoro.

Uwundi mugore yavuze ko yaganiriye n'umugabo kuri telefone amubwira ko yarashwe mu nda. Yahamagarira mu modoka ya gisirikare, kandi ngo yarumvise urwamo rw'amasasu. Avuga ko munyuma yasanze ikiziga ciwe mu buruhukiro n'inguma ziyongera zibiri mu gikiriza, aca abona ko yishwe inyuma yaho baganiriye ku itelefone.

Ico kigo giharanira agateka ka kiremwa muntu kivuga ko imyiyerekano y'abarondera ukwikukira kw'intara ya Biafra yakozwe mu mahoro kiretse ko rimwe na rimwe batera amabuye bagaturira amapine, ikindi gihe naho haba umuntu arasa umupolisi.

"Naho hoba harabaye imigumuko ikaze ntibisigura ko hokoreshwa inguvu zirenze urugero ku bantu bari bakoranye".

Ariko umuvugizi wa gisirikare Sani Usman yavuze ko "abasirikare n'iyindi mirwi ijejwe umutekano bagerageje kwigumya naho basomborotswa hakongera hakaba n'imigumuko ikaze."

Mu mwaka uheze harabaye imyiyamamazo myinshi ikozwe n'abanyagihugu bo muri Biafra.

Uwo muhari wipfuza gushinga intara yigenga ya Biafra, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria, hagwiriye abantu bo mu bwoko bw'aba Igbo.