Leta y'Uburundi ntizokorana n'umugwi w'inama ya ONU y'agateka ka zina muntu

Aha Brig Gen Athanase Kararuza yategerewe n'abantu bitwaje ibirwanisho atwaye umwana kw'ishure
Image caption Aha Brig Gen Athanase Kararuza yategerewe n'abantu bitwaje ibirwanisho atwaye umwana kw'ishure

Leta y'Uburundi imenyesha ko itazokorana n'umugwi waraye ushinzwe n'inama ya ONU y'agateka ka zina muntu wo gutohoza amabi yakozwe muri ico gihugu kuva mu kwezi kwa Kane mu 2015.

Umushikiranganji w'agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi, avuga ko uwo mugwi washinzwe hisunzwe icegeranyo c'ibinyoma ku vyaha vyoba vyarakozwe kuva ico gihe.

Kandi ngo leta irafise inzego zikwiye zo kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Umushikiranganji w'uburundi ajejwe agateka ka zina muntu Martin nivyabandi avuga ko badashobora kwemera gukorana n'umugwi washinzwe hisunzwe

Ingingo n'icegeranyo leta yagumye yiyamiriza.

Image caption Martin Nivyabandi avuga ko ico cegeranyo kitari ic'ubuhinga ahubwo cari gifise intumbero ya politike.

Bwana Nivyabandi yagize ati:

"Turavuga twebwe ko tudashobora kubijamwo. Ntidukeneye abandi bahinga baza gutohoza. Boba baje gukora iki? Ibikorwa bazokora bizoba bibaraba bitaraba leta y'Uburundi.''

Ico cegeranyo cabaye ifatiro ryo kwemeza ingingo yo gushinga uwo mugwi n'icashikirijwe n'abahinga batatu bigenga mu vy'agateka ka zina muntu mu kwezi kw'icenda. Abo bahinga bemeje ko hari ivyaha bikomeye vyinshi vyakozwe, uruhara runi bakaba barushize kuri reta.

Martin Nivyabandi avuga ko ico cegeranyo kitari ic'ubuhinga ahubwo cari gifise intumbero ya politike.

Ntayavuze niba abo bagenywe leta izobaha canke izobima uruhusha rwo kuza mu Burundi.

Abantu amajana barishwe abandi barakorerwa amabi atadnukanye mu ntureka z'imyiyerekano yo kwanka ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza kuva mu kwezi kwa 4 mu 2015.

Ivyo vyaha nivyo inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu ishaka gutohozako yongere imenye ababikoze kugira bashengezwe imbere y'ubutungane.

Umushikiranganji Nivyabandi ntahakana ko hari ivyaha vyakozwe canke bikorwa mu gihugu nk'uko biba n'ahandi ariko avuga ko inzego za leta ziticaye mu kubitohoza no kubihana.