Mexico: Ikinogo cahambwemwo imitwi n'imibiri y'abantu 32

Igipolisi ca Mexique gikorera mu kibanza casanzemwo ibinogo 20 vyahambwemwo abantu Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igipolisi ca Mexique gikorera mu kibanza casanzemwo ibinogo 20 vyahambwemwo abantu

Ubutegetsi bwa Mexique bwatoye imivyimba y'abantu 32 hamwe n'imitwe icenda binyegejwe mu binogo mu ntara iri mu bumanuko igeramiwe n'abakora urudandazwa rw'ibiyovyabwenge.

Abantu bakora itohoza bazuye ibisigarira vy'abagabo 31 hamwe n'ivyo umugore umwe ku musozi ahitwa Zitlala, ahakunze kuba ingwano ikaze hagati y'imigwi y'inkozizikibi.

"Ivyo twatoye birateye ubwoba" uko ni ko umuvugizi w'abajejwe umutekano yavuze, mu gihe ibikorwa vyo kurondera ibindi binogo vyanyegejwe bibandanya muri ako karere.

Nta muntu arakurikiranwa kugez'ubu.

Ivyo bisigarira vyatowe mu binogo bitandukanye 17 iruhande y'umusozi wa Pochahuixco hagati yo ku munsi wa kabiri no ku wa kane.

Umuvugizi w'igisata ca reta kijejwe umutekano Roberto Alvarez yabwiye itangazamakuru rya AFP kw'ivyo binogo vyatowe inyuma y'amakuru atanzwe n'umuntu atashatse kwivuga izina, bituma umuntu yari yaranyurujwe atorwa.

AFP ivuga ko hari n'imitwe yatowe "muri frigo".

Ico gisagara kiri mu ntara ya Guerrero, ivugwamwo ubwicanyi bwinshi, igurisha n'ibiyovyabwenge vyinshi vyo mu bwoko bwa opium.

Ico kinyamakuru kivuga ko hari ubwicanyi bw'abantu barenga 1,800 bwabaye hagati y'ukwezi kwa mbere n'ukwezi kw'icumi mu mwaka uheze.

Abanyagihugu baba mu kindi gisagara, Tixtla, batoye ibiziga icenda vy'abantu badafise imitwe mu ntango y'ino ndwi. Abari mw'itohoza bariko bararaba kw'ivyo biziga vyoba bijanye n'imitwe yatowe i Pochahuixco.

The remains have been sent to the state capital to be identified.