Kenya yakuwe na Mali mu ihiganwa rya CAN kuri 3-1

Kenya yatsinzwe 3-1 na Mali na Ghana Uwufise ububasha kw’isanamu CAF/TWITTER
Image caption Kenya yatsinzwe 3-1 na Mali na Ghana

Abakinyi b'abakobwa ba Kenya b'umupira w'amaguru nibo babaye aba mbere mu gusezera ihiganwa ry'igikombe ry'ibihugu vya Afrika mu gisata c'abakobwa utsinzwe 3-1 na Mali.

Bwabaye ubwa kabiri umurwi Harambee Starlts, ushitse muri ico gice c'ihiganwa ubwa mbere, utsindwa.

Mu rukino rwa mbere batsinzwe 3-1 na Ghana.

Umurwi wa Mali wari watsinzwe 6-0 na Nigeria mu rukino rwabo rwa mbere, ugiye kuja mu gice c'ica kabiri "demi-finales" inyuma yaho utsindiye Kenya.

Bassira Toure yatsindiye Mali ibitsindo bibiri mu gice ca kabiri inyuma y'igitsindo cinjijwe mu gice ca mbere na Sebe Coulibaly, kiba cuguruye urukurikirane rw'ibitsindo vyatumye Kenya itaha.

Cheris Avilia ni we yatsindiye Kenya igitsindo kimwe ari naco conyene uwo mugwi winjije mu minota ya nyuma.

Umurwi wa Kenya wari werekanye urukino rwiza igihe batana mu mitwe na Ghana ariko biranka bahura na Mali, uwo murwi ukaba wakinana ikizere naho wari watanguye nabi igihe ukina na Nigeria ugatsindwa 6-0.

"Starlets" izokina ku munsi wa gatandatu urukino rwayo rwa nyuma n'umurwi wa Nigeria umaze igihe kirekire utahukana igikombe.