Abantu batanu barategura igitero kuri Paris

Abantu bikekwa ku bikorwa vy'iterabwoba boba bategura kugaba ibitero Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu bikekwa ku bikorwa vy'iterabwoba boba bategura kugaba ibitero

Francois Molins, umushikirizamanza mukuru mu gisagara ca Paris, yamenyesheje ko abo bantu batanu bategekanya gutera ku munsi wa kane w'indwi iza, bahabwa amategeko acishijwe kuri telefone ngendanwa, mu buryo bw'ubutumwa bwugurugwa na nyene bwo gusa, burungitswe n'umusirikare arongoye umuhari ugendera ku vyiyumviro vya islamu "Islamic State" ari muri Iraki canke Syria.

Ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "automatic" nivyo vyakoreshejwe mu bitero vy'i Strasbourg na Marseille.

Abo batanu bafashwe, bagiye gukoregwa itohoza ryo kuraba ko hoba hari ivyaha vy'iterabwoba bibagira.

Molins avuga ko abakora itohoza bataramenya ico gitero aho kizotumberezwa ariko ngo abo bikekwa bagendana ubuhinga bwerekana ibibanza bita GPS bashize ku kuma bita USB.

Ibibanza vyoshobora gutegwa ngo ni sentare z'intango zo muri Paris, ibiro bikuru vy'igipolisi kijejwe ubutungane, isoko baguriramwo ibintu vya Noeli riri kuri "Champs-Elysees" hamwe n'ikibanza co kuruhukiramwo "Disneyland theme-park", mu buseruko bw'igisagara, uko ni ko ikinyamakuru co mu Bufaransa kivuga.

Bane bafatiwe mu buseruko bw'igisagara ca Strasbourg-bavuga ko bafise imyaka yababa 30-kandi bose ni abafaransa baturuka mu buraruko bwa Afrika. Babiri muri bo baragiye muri Syria mu mwaka uheze, ngo ni ko abakora itohoza bavuze.

Umugabo wa gatanu, umunya Maroc yafatiwe mu gisagara kiri mu bumanuko Marseille, ntazi abo bandi bane ariko nawe nyene amategeko ahabwa ngo azanana hamwe.

Ku b'uwo mushikirizamanza, uwo murwi w'abo bantu umaze amezi menshi ukurikiranwa, igipolisi kikaba cabafashe gishaka guhagarika amaraso ntaseseke.

Ubufaransa buracari mu gihe c'ibihe bihambaye inyuma y'ibitero vyo muri Paris vyo mu kwezi kwa cumi na rimwe 2015 vyahitanye abantu 130.