Prezida Erdogan aragabisha kurekurira abimukira i Buraya

Abimukira ibihumbi amajana n'amajana baragiye muri EU baciye muri Turkia mu mwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Abimukira ibihumbi amajana n'amajana baragiye muri EU baciye muri Turkia mu mwaka uheze

Prezida Recep Tayyip Erdogan yagabishije ko azoreka abimukira ibihumbi n’ibihumbi bakinjira I Buraya mu gihe EU yomukumira.

Yariko arishura ku ngingo yo gutora mu nama nshingamateka ya EU yo guhagarika ibiganiro na Turkia vyo kurekurira ico gihugu kwinjira muri iryo shirahamwe.

Abashingamateka bahagurukijwe n’ingingo ruhasha zagiye zirafatwa inyuma y’iburizwamwo ry’itembagazwa ry’ubutegetsi.

Igitigiri c’abimukira baja mu gihugu c’Ubugiliki caragabanutse cane kuva habaye amasezerano mu kwezi kwa gatatu hagati ya EU na Turkia yo kubabuza kujayo.

Prezida Erdogan yagiriza EU kudakurikiza ayo masezerano.

Bimwe muvyo bari bemereye Turkia, harimwo uronswa uburenganzira bwo bwo kuja i Buraraya ata kirinze gusabwa kubanye Turkia hamwe no kwihutisha ibiganiro vyo kwemerera ico gihugu kwinjira muri iryo shirahamwe.

“Nyumviriza: izo nzira zo ku rubibe zugaye zizokugururwa igihe mworenga akarimbi,” ni ko yagabishije EU ku musi wa gatanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Igihugu ca Turkia cigeze kuba gihaye indaro abimukira imiliyoni zitatu

Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Angela Merkel, Ulrike Demmer, yavuze ko ayo masezerano yari “afitiye akamaro impande zose” kandi ko “uwoyabangamira ku ruhande urwo ari rwo rwose ata co vyoza bifasha”.