Fidel Castro yitavye Imana

Fidel Castro Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Fidel Castro, yayoboye Cuba imyaka 50

Uwabaye umukuru w'igihugu ca Cuba igihe kire kire, Fidel Castro yaraye yitavye Imana nk'uko vyamenyeshejwe na mwene wabo, kuri tereviziyo y'igihugu.

Yatangaje ko umubiri wiwe uraturirwa kuri uyu munsi wa gatandatu, abanya Cuba bakaba bafise ikigandaro kizoshika kuwa 04/12/2016, aho umunyota wiwe uzoshingurwa mu muji wa Santiago.

Fidel Castro yatwaye Cuba imyaka igera ku 50, aho ico gihugu caciye mu bihe vy'ihinduramatwara, agumiza igihugu mu matwara ashingiye ku ntwaro ya gi communista igihe kire kire.

Yavuye ku butegetsi mu 2008, ahereje murumunawe Raul Castro.

Abanyagihugu bavuga ko yasubije ubutegetsi benebwo, ariko kandi bamwagiriza gutwaza igitugu.

Mw'ijambo yashikirije inyuma y'inama ya bose y'umugambwe w'aba Communista, Fidel Castro yibukije ko yari yimirije gukwiza imyaka 90, yemeza ko atigeze yibaza ko azogera aho yari ageze.

yagize ati vuba ngiye kuba nk'abandi bose , yibutsa ko ubuzima bwiwe buri hafi kurangira.

Castro yari umutegetsi wa mbere aranvye mu bategetse mu kinjana ca 20, uretse abo mu bwami.

Castro yavutse mu 1926, avukira mu muryango w'abatunzi bafise ubutaka bwinshi ariko aba umuntu aharanira amahinduka amaze kubona ubudasa buri hagati y'ubuzima bwiwe bwiza n'abandi benshi b'abakene.

Ibindi kuri iyi nkuru