Ibivugwa ku rupfu rwa Fidel Castro

Fidel Castro Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Fidel Castro, yitavye Imana afise imyaka 90

Perezida Xi Jinping yavuze ko abanyagihguu b'Ubushinwa babuze umugenzi nyakuri.

Papa Francisco yavuze ko intkuru y' urupfu rwa Castro ibabaje, aramusabira.

Perezida w'Uburusiya Vladmir Putin yagereranije Fidel Catsro n''ikimenyetso caranze ibihe', kandi ko ari incuti y'umwizigirwa ku Burusiya.

Muri Venezuela, igihugu somambike ca Cuba mu karere, perezida Nicolas Maduro yasavye abanya Cuba gukomeza iragi rya Fidel Castro no kurerura ibendera ryiwe ry'ubwikukire.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhinde Narendra Modi, yagereranije Fidel Castro n'umwe mu bantu b'intibagiranwa babayeho mu kinjana ca 20.

Perezida Jacob Zuma wa Afrika y'epfo we yavuze ko Fidel Castro yahagurutse agaharanira ukwishira no kwizana kw'abari bakandamijwe kw'isi.

Umubiri wa Fidel Castro uturigwa kuri uyu wa gatandatu nyene, umunyota ukazoshingugwa mu gisagara ca Santiago inyuma y'iminsi icenda y' ikigandaro.