Leta ya Wisconsin isabwa kwongera guharura amajwi

Donald Trump yarushije gato cane abandi muri Wisconsin Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump ntaco aravuga ku mugaragaro ku kibazo co kwongera guharura amajwi

Donald Trump yarushije amajwi make cane uwo bahiganwa muri leta ya Wisconsin, ariko umugambwe Green Party wasavye ko amajwi yosubigwamwo kwihwezwa neza.

Umugambwe Green Party wizeye kandi gusaba ko amajwi asubiramwo guharurwa mu ma leta ya Pennsylvania na Michigan.

Uwari umukandida ku ruhande rwa Green Party, Jill Stein, bivugwa ko yifuza kumenya neza nimba ata busuma bwakoreshejwe muguhindura ibiharuro muri za mudasobwa mu ntumbero yo guha amahigwe menshi bwana Trump.

Ivyavuye mu matora vyoca bihinduka muri ayo ma leta uko ari atatu, ariko abihweza utuntu n'utundi bavuga ko bigoye kugira ngo bishoboke guhinduka.