Cuba iri mu kigandaro ca Fidel Castro

Fidel Castro azogandarirwa kugeza itariki zine z' ukwezi kuza Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ikigandaro ca Fidel castro kizomara iminsi 9

Mu kigandaro kizomara iminsi icenda, umunyota waturutse ku kiziga ca Fidel Castro caturiwe uzozungurukanwa mu nzira abarwanyi biwe bajanye igihe c' intambara yo gukura ku butegetsi Fulgencio Batista.

Fulgencio Baptista yari ashigikiwe na Leta zunze Ubumwe za Amerika, yatujijwe na Fidel Catsro n'abarwanyi biwe ku itariki ya mbere y'ukwezi kwa mbere umwaka wa 1959.

Abenshi mu mugwa mukuru Havana barijijwe n'urupfu rwa Fidel Castro.

Ariko ku bimukira bahungiye intwaro yiwe mu muji wa Maimi muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, urupfu rwa Fudel Castro rwabaye nk'umunsi mukuru.

Bafata Fidel Castro nk'umunyagikenye, yahatswe gushira isi mu ntambara y'ibirwanisho ruhonyanganda mu kwubakira icari Leta zunze Ubumwe z'Abasoviyete, ikibanza co gutereramwo ibisasu vya nucleair kuri Amerika.