Ubwicanyi buregwa abagwanyi b'umwami wa Rwenzururu

map

Imishamirano hagati y'abapolisi n'umugwi w'abagwanyi bivugwa ko boba bayoboka umwami wa Rwenzururu muri Uganda, yahitanye abantu 55.

Abagwanyi bagavye igitero ku kirindiro c'igipolisi, mu muji wa Kasese uri mu burengero, ari naho hari ubwami bwa Rwenzurururu, buramutswa Charles Wesley Mumbere.

Umwami Charles Wesley Mumbere yahavuye atabwa muri yompi kimwe n'abandi bantu bagirizwa kuba inyuma yo gukokeza ubwo bwicanyi.

Mu bahitanywe n'iyo ntambara harimwo abarwanyi bateye umunani n'abapolsi babiri.

Umuvugizi wa Leta ya Uganda yagiriza uwo mugwi w'abagwanyi ko bashaka kwiyonkora kuri Uganda.

Umwami wa Rwenzururu arahakana ko afitanye isano na mba n'uwo mugwi.

Umuryango wiwe w'Abakonzo, uri ku rubibe na Republika iharanira Demokarasi ya Congo, wama watase n' uwo mu bwami bw'aba Toro muri ako karere.

Ubwo bushamirane bwamaze imyaka n'iyindi, bwari bwarangijwe n'amasezerano yo mu 1982, yaje kwongera ububasha abami mu turere twabo.

Ndetse perezida Yoweri Museveni yemeje ubwo bwami mu 2009, ariko icuka kibi nticaheze.

Hagati y'ukwezi kwa kabiri n'ukwa gatatu uyu mwaka, abantu barenga 50 barishwe mu mishamirano hagati y'abajejwe umutekano n'abarwanyi, nk'uko vyatangajwe n'igipolisi .

Ibindi kuri iyi nkuru