DRC: Ubwicanyi bwahitanye abarenga 30

Ahari imigwi igwana hegereye ibirobe vy'amabuye y'agaciro Uwufise ububasha kw’isanamu j.magno
Image caption Igice c'ubuseruko bwa Congo kiranwamwo imigwi myinshi yitwaje ibigwanisho

Abanyagihugu benshi mu bishwe mu gitero cagabwe mu buseruko bwa Congo, n'abo mu bwoko bw'abahutu basanzwe bazirana n'Abanande.

Abenshi bishwe batemeshejwe imipanga.

Mu buseruko bwa Congo hagwiriye ubutunzo mumabuye y'agaciro, hankunze kwizizigwa n'ibitero, akenshi bigabwa n'imigwi yegamiye amoko.

Mu mwaka uheze igisirikare ca Congo catanguye urugamba ku migwi yitwaje ibigwanisho, harimwo abavuye mu gihugu kibanyi c'Urwanda inyuma ya jenoside yo mu 1994.