Intambara zimuye abanyagihugu ba Aleppo

Ingabo za Leta zishaka gucamwo kubiri Aleppo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyagihugu ba Aleppo bahungiye ku mpande zose

Itangazo ryasohowe na leta rimenyesha ko ingabo za leta n'abo bari kumwe ubu ari bo bafise mu minwe akarere ka Jabal Badro.

Imbere y'aho, amakuru ava mu bagwanyi yemeza ko akandi karere bitumberanye ka Hanano kaguye mu minwe ya leta.

Abanyagihugu baharugwa mu majana bivugwa ko bahunze, ku mpande zompi, haba ahari leta canke ahagenzurwa n'abagwanyi.

Ingabo za Syria zirabandanya gusatira mu micungararo y'utwo turere mu ntumbero yo gucamwo kubiri igice cifatiwe n'abarwanyi muri uwo muji wa Aleppo.