Rosberg yatahukanye igikombe ca Formula One

Nico Rosberg Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Rosberg atsinze Formula 1 ubwa mbere yo kubona

Nico Rosberg yatsindiye ubwa mbere igikombe mw'ihiganwa ryo gusiganwa n'imodokari rya Formula One, igikombe se wiwe Keke yatsindiye mu mwaka wa 1982.

Uwo bari kumwe mugwi Mercedes, umwongereza Lewis Hamilton, niwe yari yashitse uwa mbere ariko amanota yaronse ntiyashoboye kuzibira ikimanga c'umwitangigwa yari yamuhaye mu minsi iheze.

Abo bakinyi uko ari babiri bakomeje kuba abambere mw'ihiganwa rya Grand Prix ry'uyu mwaka.