Ubufaransa: Fillon yatsinze amatora y'ijonjora

Francois Fillon yatsinze kuri 2/3 vy'amajwi, yahora ari umushikiranganji wa mbere ku butegetsi bwa Nicolas Sarkozy Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Francois Fillon yatsinze kuri 2/3 vy'amajwi, yahora ari umushikiranganji wa mbere ku butegetsi bwa Nicolas Sarkozy

Francois Fillon ni we agiye kuba umukandida w'aba "conservateurs" mu matora yo mu gihugu c'Ubufaransa mu mwaka uza inyuma yaho uwo bahiganwa Alain Juppé.

Amajwi yose amaze guharurwa, Fillon yaciye atsinda amatora agira kabiri yo guhitamwo umuntu umwe rudende n'amajwi hafi 67% ku munsi wa Mungu.

Fillon yemeye ko agiye kwubaka igihugu kigendere ku kuri, avuga ko Ubufaransa bwipfuza "ukuri n'ibikorwa".

Ashobora guhura n'umukandida w'umu "Socialist" hamwe n'uwo mu mugambwe w'abo muri "extreme-doite" Marine Le Pen mu matora yo mu kwezi kwa kane.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Alain Juppe n'umushikiranganji wa mbere wa kera ku butegetsi bwa Jacques Chirac akaba umukuru w'igisagara ca Bordeaux

Umukandida yicisha bugufi Juppé, yarakeje Fillon ku "ntsinzi yigaragaje cane" avuga ko azomushigikira mu nzira arimwo arondera kuba umukuru w'igihugu.

Vyari bizwi ko mu matora y'incuro ya kabiri Francois Fillon atsinda, kandi n'umugwi wiwe wari ubizi.

Haheze igihe gito amatora arangiye, abantu bariginye ku ngoro y'umugambwe wiwe, igihe ibiharuro vya mbere bitanguye gusohoka. Mu masaha make, vyaremejwe. Fillon yatsinze bibiri vya gatatu, intsinzi iryoshe cane y'"umugabo bashira mu kibanza ca gatatu" mu bahiganwa.

Alain Juppé yaciye aja mu bamushigikiye kwemera ivyavuye mu matora. Yaramwenyuriye ishengero ry'abantu bari bahari baririmba izina ryiwe ababwira ko ahejeje ihiganwa nkuko yari yaritanguye: "Umugabo yigenga, adahemukira ico ari canke ico yiyumvira".

Akazi karindiriye Fillon muri kino gihe n'ukunywanisha umugambwe wiwe inyuma y'aya matora y'ijonjora, akitegurira guhangana n'umugambwe w'aba "Socialistes" uri ku butegetsi hamwe n'indongozi yo mu mugambwe w'aba "extreme-doite" Marine Le Pen mu matora y'umukuru w'igihugu mu mwaka uza.