Abategetsi ba ANC bashaka gukuza Prezida Zuma

Prezida Zuma ahanzwe n'abo mu mugambwe wiwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Zuma ahanzwe n'abo mu mugambwe wiwe

Bubaye ubwa mbere abipfuza gukura ku butegetsi prezida Jacob Zuma bava hagati mu mugambwe wiwe. Zuma amaze guhakwa akatari gake kuvanwa mu mabanga yo kurongora igihugu ca Afrika yepfo ariko ivyo bihe vyose vyakorwa n'abantu bo mu migambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi canke n'abo mu mashirahamwe ategamiye reta.

Umurwi nshingwabikorwa wa ANC mu gihugu cose warakoraniye mu mwiherero i Pretoria mu mpera z'indwi iheze, kugira wihweze iciyumviro co gukurako ikizere Prezida Zuma, cashikirijwe n'umushikiranganji ajejwe igisata c'abakerarugendo Derek Hanekom.

Abantu barenga 80 bagize uwo murwi ntibashoboye kwumvikana kuri ico kibazo, ariko hari abashikiranganji babiri bashigikiye iciyumviro ca Hanekom: umushikiranganji w'ubuvuzi Aaron Motsoaledi hamwe na mugenziwe w'ibikorwa remezo, Thulas Nxesi.

Rino sekeza ryo kurondera gukura umukuru w'igihugu, rigiye gutuma Jacob Zuma aja mu ngwano ya politike ikomeye, nkuko Karen Allen, aserukira BBC mu gisagara ca Johannesburg abivuga.

Amatora yo mw'ibanga

Hari abashikiranganji basavye kw'amatora ajanye n'ico ciyumviro yokorwa mw'ibanga, ngo ivyo bikaba vyotuma abatora babikorera mu mwidegemvyo.

Izina rya Jacob Zuma riramaze kuvugwa cane mu nyifato ziteye isoni zerekeye ruswa. Abakuru bo mu mugambwe wiwe baranavuga ko adakora bishemeye.

Icegeranyo giheruka gukorwa n'uwahora ari umuhuza w'igihugu Thuli Mandosela, kimwagiriza kuba afise imigenderanire n'umuryango w'aba Gupta, umuryango utunze w'abagabo b'abagwizatunga baturuka mu gihugu c'Ubuhindi.

Kubw'ico cegeranyo, Jacob Zuma yoba yarinjije abantu muri reta, abisabwe n'uwo muryango w'aba Gupta, ukorera mu bisata bitandukanye vy'ubutunzi mu gihugu ca Afrika yepfo.

Zuma n'abo ba Gupta bariyamirije ico cegeranyo. Uwo yasubiriye, Thabo Mbeki, yakuwe ku butegetsi n'ubuyobozi bwa ANC mu 2008.