Barry Bennell avugwa ku vy'igitsina yinjijwe ibitaro

Barry Bennel yinjiye ibitaro
Image caption Barry Bennel yinjiye ibitaro

Barry Bennell yigeze kuba umumenyereza w'umupira w'amaguru mu gisata c'abana yatabawe n'igipolisi camutoye asa n'uwapfuye mu nyubakwa iri ahitwa "Knebworth Park, Stevenage" ku munsi wa gatanu, niko igipolisi ca "Thames Valley" cavuze.

Uwo mugabo w'imyaka 62, yahora ari umumenyereza mu murwi Crewe, asanzwe azwi kubera ivyaha vy'ibiterasoni bishingiye ku gitsina aracari mu bitaro.

Abapolisi bane bariko barakora itohoza ku vyo avugwako bijanye no guhumbisha abana b'abahungu inyuma yaho bamwe muribo bavugiye ku mugaragaro ivyabashikiye.

Bennel yarigeze gukatirwa igihano co gufungwa imyaka ine yafashe ku nguvu umwana w'umwongereza bari mu rugendo rw'umupira w'amaguru muri Florida mu 1994 hamwe n'igihano c'imyaka icenda mu 1998 ku vyaha 23 yakoreye abana batandatu b'abahungu mu gihugu c'Ubwongereza.

Yarafunzwe ubugira gatatu mu 2015 yiyemereye ko yahumbishije umwana w'umuhungu mw'ikambi y'ahitwa Macclesfield mu 1980.

Mu ndwi zibiri ziheze, Andy Woodward yahora akinira umurwi Crewe, yariseruye avuga ingene Bennel yamubabaje. Kuva ico gihe hari abandi biseruye bavuga nabo nyene amabi yabakoreye.

Abigeze gukina mu mirwi y'abana Chris Unsworth na Jason Dunford babwiye igisata ca BBC "Victoria Derbyshire programme"ko bakorewe amabi na Bennel.

David White, Steve Walters na Paul Stewart bavuye mu gacerere baravuga ku mugaragaro ko bakorewe amabi.

Crewe Alexandra yatanguye itohoza kuri ivyo birego.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru "The Football Association"ryemeye ko ririko rirakora itohoza ku bijanye n'ivyaha bishingiye ku gitsina mu mupira w'amaguru.

Ikigo kinyarukana abarwaye kwa muganga "East of England Ambulance Service" cavuze ko caronse "amakuru ko hari umugabo yatay'ubwenge munyuma irungika abantu baja kuraba " igihe c'isaha 22:50 GMT ku munsi wa gatanu.

Mw'itangazo igipolisi ca Thames Valley casohoye kivuga ko "muri kino gihe c'itohoza, ntawotanga insiguro ziruta aho".

Igipolisi ca Hampshire, Cheshire, Northumbria na Metropolitan bavuze ko bagiye gutanguza amatohoza ku birego vyashikirijwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images/Pa/REX
Image caption Paul Stewart, David White, Steve Walters na Andy Woodward (bamfu ku buryo) baseruye amabi bakorewe

Uwurongoye ikigo c'abagize urukino rw'umupira w'amaguru umwuga "Professional Footballers' Association" (PFA) Gordon Taylor yavuze ko hari abakinyi 20 bamaze kwiserura bavuga ko bakorewe amabi ashingiye ku gitsina.

Taylor yavuze ko niburiburi "imirwi itandatu canke indwi" irimwo Crewe, Manchester City, Blackpool, Leeds, Stoke na Newcastle ifise ibirego vy'ababitwayeko.

Ikigo kigenzura umupira w'amaguru kw'isi Fifa casohoye itangazo: "Turamaze kwumva ivyo birego. Kuri Fifa ugukingira abana n'abakiri bato ni ikintu gihambaye mu mupira w'amaguru kandi tuzokurikiranira hafi ivyo bintu."

Iruhande y'ivyo, umushingamateka wo mu mugambwe w'aba "Conservateurs" Damian Collins arongoye akanama kajejwe imico, itangazamakuru hamwe n'inkino yabwiye BBC ko ishirahamwe rigenzura umupira w'amaguru FA ko rikeneye kuraba ko hari ingingo zijanye n'imico mu gisata c'inkino.