Urwanda buriyamiriza ugushaka kwica Willy Nyamitwe

Willy Nyamitwe Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Willy Nyamitwe, umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu

Mu itangazo Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya wasohoye, uvuga ko "igitero c'ubwicanyi co ku wa 28 z'ukwezi kwa cumi na rimwe kuri Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi, ajejwe ibibazo bijanye n'itangazamakuru no guhererekana amakuru, ni ibintu ata numwe yokwemera. Vyerekana icuka c'ubwicanyi budahera mu Burundi, burangwa n'iyicwa ry'abantu benshi hamwe n'abanyuruzwa ku nguvu."

Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya uvuga ko "ubwicanyi bwose bushingiye ku mvo za politike, ababukora abaribo bose canke uko buba buri kwose, atawobwemera."

Uvuga ko "inyishu ya politike yonyene, iciye mu biganiro vya bose bishobora kurangiza ingorane, nivyo vyonyene bishobora kugarukana umutekano mu Burundi."

Iruhande y'Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya, ibiro vy'uwuserukira igihugu ca Amerika mu Burundi, navyo nyene vyasohoye itangazo nka mwen'iryo ryiyamiriza ico gitero cagira gihitane Willy Nyamitwe.

Gushika ubu umuntu umwe, umusirikare w'ipeta rya "caporal" ni we amaze gufatwa yagirizwa ico gitero, abandi bari muri uwo mugambi wo kugandagura Willy Nyamitwe, Col Dushimagize Dieudonne batazira Gangi na caporal Nduwimana Jean Claude,  bari bahagaritswe mu ndwi iheze.

Abo bose, Pierre Nkurikiye avuga ko bakorana n'umugwi w'abarundi bahungiye mu Rwanda hamwe n'umusirikare umwe w'Urwanda.

"Harimwo umusirikare w'Urwanda hamwe n'abarundi bahungiye mu Rwanda. Caporal Nduwimana Jean Claude yaremeye ko baronka amategeko n'ibikoresho biciye kuri Col Dushimagize, ari na we yakurikiraa ibikorwa bibera ngaha",  ni ko Pierre Nkurikiye yavuze.

Image caption Pierre Nkurikiye, umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi

Pierre Nkurikiye yavuze ko Caporal Nduwimana yafatanywe inkoho zibiri nto (pistolets).

Willy Nyamitwe yakomeretse ku kuboko, ariko umwe mu bacungera umutekano wiwe yaciye yitaba Imana ubwo nyene, uwundi arakomereka.

Ku rubuga rwa twitter, Nyamitwe yashimiye abamuremesheje.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitt

Mwenewabo, Alain Aime Nyamitwe, umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, ni we yabaye uwa mbere kumenyesha ko agihema.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitt

Igipolisi kivuga ko cafashe n'ibikono vy'amasase hamwe na "grenades" zitatu zitaturitse.