Burundi: Muzinga yegukanye ibikombe muri Volley

Urukino rwariko rurahuza Muzinga na Rukinzo
Image caption Urukino rwariko rurahuza Muzinga na Rukinzo

Ku munsi wa gatandatu imirwi "New Colombes" na "Les As" niyo yatanye mu mitwe, "New Colombes" itsinda ku ma seti 3-0.

Urundi rukino rwahuje "Amical" na "Bun", "Amical" itahukana intsinzi y'i seti 3-2.

Ku munsi wa Mungu "Muzinga dames"yahuye na "GLC", uwo murwi wa mbere utahukana intsinzi y'i seti 3-0.

Urukino rwa kabiri rwahuje "Rukinzo" na "Muzinga" ruhagarikwa n'imvura imirwi yose inganya 2-2, ariko Muzinga ikaba ariyo yaciye ija mu bahabwa igikombe kubera yari yatsinze urukino rwa mbere.

Gutanga ibikombe

Mu bakobwa: "Muzinga dames"

Mu bagabo: "Muzinga"

Image caption Abakinyi batahukanye udushimwe

Udushimwe ku bakinye neza.

Mu gutanga (passes): Mugisha Nathalie wa "Muzinga"

Mu kujabutsa umupira (service): Niyomukiza Solange wa "Les As"

Mu gusatira (attaque) : Manayeza Ange wa "GLC"

Mu gukingira (défense) : Ndayikunda Annette wa "Muzinga"

Mu kwakira (réception : Ndayisaba Fidélité wa "Muzinga"

Inyuma (Libero): Marieke

Kuzibira (blocker): Buntubwimana Nadia

MVP: Kaze Déli wa wa Muzinga