Trump yiteguriye gushinga reta yiwe

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump

Donald Trump ariteguriye gushinga abashikiranganji bagize reta yiwe.

Inkuru zivuga ko Trump aza kugena uwo bakoranye cane mu budandaji kuva kera, Steven Mnuchin kuba umushikiranganji w’ikigega ca reta.

Abo bagabo babiri bari basangiye Goldman Sachs, ikompanyi Trump yanebaguye mu gihe c’imyiyamamazo.

Yaragiriraniye kandi ibiganiro na Mitt Romney, vyibazwa ko azoba umushikiranganji y’imigenderanire.

Romney yigeze kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba republicains mu 2012, yigeze kuvuga ko Trump ari umuntu w’umubeshi.