Urucanco rugeragezwa kuri sida muri Afrika yepfo

Onu ivuga ko abantu bagendana umugera wa VIH barenga imiliyoni 7 muri Afrika yapfo.
Image caption Onu ivuga ko abantu bagendana umugera wa VIH barenga imiliyoni 7 muri Afrika yapfo.

Ku kiringo c'imyaka ine, abantu bizanye ku gushaka kwabo 5 400 barimwo abagabo n'abagore bafise imyaka 18 kugera kuri 35 batarigera bandura umugera, bazoterwa gatanu urwo rucanco, inyishu za mbere zitangure kuboneka mu 2020.

Kuva aho umugera VIH utorewe mu 1983, abahinga bibaza ko urucanco HVTN 702 rwakozwe na GSK na Sanofi ari urucanco rushobora gufasha mu gisata co kugwanya sida.

Iryo gerageza ni irya mbere rihambaye rikozwe muri ino myaka 30.

"Mu gihe rwokoreshwa rukerekana ko rushobora gufasha gukingira, urucanco HVTN 702 rwoshimagizwa mu kugwanya VIH", uko ni ko Anthony Fauci, umuyobozi w'ikigo ca Amerika gikurikirana ingwara zandukira yavuze.

Kuba igihugu ca Afrika yepfo ari co catowe ngo gipimirwemwo uwo muti si ivyizanye.

Muri ico gihugu igitigiri c'abagendana umugera wa sida mu gihugu cose ni 19%, kiri mu biri hejuru cane ku isi ku bwa Onusida.

Onusida ivuga ko abantu imiliyoni 7, aribo bagendana umugera VIH muri Afrika yepfo.

Urwo rucanco rwatangujwe kuri uno wa gatatu ni urwongerejwe inguvu ku rwakoreshejwe mu gihugu ca Thailande mu mwaka 2009 ku bantu bishikanye 16 000.

Ico gihe umuti batewe warashooboye kugabanya gushika ku bice 31,2%, ugushobora kwandura umugera inyuma y'imyaka itatu n'inusu bawutewe.

Mu cegeranyo casohorewe mu nama mpuzamakungu ku bijanye na Sida mu gisagara ca Durban mu kwezi kw'indwi guheze, abantu imiliyoni zibiri n'inusu ni bo bandura umugera ku mwaka kw'isi.

Ico cegeranyo nyene kivuga ko abantu imiliyoni 30, aribo bamaze kwicwa n'ico kiza kuva mu mwaka 1983.