Jenoside: Urwanda rutunga agatoke Abafaransa

Prezida w'Urwanda Paul Kagame
Image caption Prezida w'Urwanda Paul Kagame

Mu itangazo ryasohowe ku munsi wa kabiri, umushikirizamanza mukuru w'Urwanda, Richard Muhumuza, yavuze ko arindiriye gukorana n'ubutegetsi bubijejwe bw'Ubufaransa.

Abantu 20 nibo bari mu matohoza yakozwe n'ubutegetsi bw'i Kigali.

Hari n'abandi bakozi b'abafaransa bashobora kwumvirizwa muri urwo rubanza rutegekanywa, nkuko Richard Muhumuza avuga.

Muri abo bategetsi harimwo umu "général" Jacques Lanxade, yigeze kurongora ibiro bikuru vya gisirikare vy'inteko z'Ubufaransa na "général" Jean-Claude Lafourcade, yararongoye inteko zo mu gihugu ca Turquie zari zarungitswe na Onu mu Rwanda itariki 22 ukwezi kwa gatandatu 1994.

Kuva mu kwezi kwa cumi na rimwe, Kigali iramaze gutangaza urutonde rw'abasirikare 22 b'aba "officiers supérieurs" b'Ubufaransa yagiriza kuba baragiye mu bwicanyi bw'abahutu igihe ca jenoside yakurikiye iyicwa rya prezida w'Urwanda Juvénal Habyarimana itariki 6 ukwezi kwa kane.

Urwo rutonde rwasohowe inyuma yaho abacamanza babiri b'Ubufaransa bamenyeshereje ko bagiye kuvyura amatohoza ku bwicanyi bwahitanye prezida Habyarimana.

Itariki 16 ukwezi kwa cumi na rimwe, umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Ubufaransa, Jean-Yves Le Drian, yavuze ko "ata gishasha kirimwo". "Kwemeza ko Ubufaransa bwagize uruhare muri jenoside n'ikinyoma kibi", niko yavuze.

Mu cegeranyo citwa "La manipulation du dossier de l'avion d'Habyarimana, une occultation des responsabilités françaises dans le génocide", umurwi w'igihugu ufasha kurwanya jenoside (CNLG) wagirije "abasirikare b'ipete ryo hejuru b'Ubufaransa hamwe n'abanyepolitike bakomakomeye kuba barakoze "ivyaha bikomeye cane" mu gihugu c'Urwanda.