Ukuri ku bakinyi b'umupira w'amaguru mu bihugi vya Afrika

Abakinyi benshi muri Afrika bipfuza kumera nka Samuel Eto'o (ari mu bubamfu) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakinyi benshi muri Afrika bipfuza kumera nka Samuel Eto'o (ari mu bubamfu)

Amatohoza adasanzwe yakozwe kuvyerekeye umupira w'amaguru kw'isi yerekana ko ubuzima bwa bamwe mu bakinyi bo muri Afrika butandukanye cane n'ubwo abagize imana bakaja gukina mu migwi ikomakomeye.

Ishirahamwe ry'abagize gukina umupira w'amaguru umwuga (FIFPRO), risa n'ishirahamwe ry'abakozi, ryagize amatohoza kw'isi yose ku bakinyi bashika 14.000 bo mu bihugu 54, akaba ari amatohoza akomeye atari bwigere akorwa.

Abakinyi barenga 3.000 bagiye muri ayo matohoza bava mu gihugu 13 vyo ku mugabane wa Afrika, harimwo Bostwana, Cameroon, RDC, Misri, Gabon, Ghana, Cote d'Ivoire, Kenya, Namibia, Afrika y'epfo, Tunisia na Zimbabwe.

Mu gihe urwaruka rwinshi rufise indoto yo gukina umupira nka Didier Drogba canke Samuel Eto.o, ibiharuro vyegeranijwe na FIFPRO birerekana ukuri ku buzima bw'abakinyi b'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika.

Kuborezwa igufa

Bimwe mu bibazo bitangaje vyrekanywe n'ayo matohoza ni ukuborezwa igufa ku bakinyi bo ku mugabane wa Afrika, kikaba ari ikibazo kitoroshe kw'isi.

Abakinyi b'umupira w'amaguru muri Ghana, barageramiwe no kuborezwa igufa incuro zirenga cumi n'abategetsi bakomeye babo gusumvya abandi bakinyi bose.

Mu gihugu ca Afrika y'epfo na RDC, abakinyi bashobora kuborezwa igufa incuro zitatu gusumba uko bimeze ahandi kw'isi.

Muri RDC ni ho abakinyi baborezwa igufa n'abarorere ku musi w'urukino gusamba ahandi, mu gihe Kenya iza mu kibanza ca kabiri.

Ayo matohoza kandi yarerekanye ko abakinyi bategekwa kugira imyimenyerezo bonyene batari kumwe n'abandi bari ku mugabane wa Afrika.


Imishahara mito mito

Kubiraba imishahara, ibice ijana kw'ijana vy'abakinyi bavuga ko bahembwa amahera ari musi y'amadolali 1000 ku kwezi.

Abakinyi bahembwa umushahara mwiza ku mugabane wa Afrika, baronka amadolali arenga 1000 ku kwezi ni abo muri Maroc, n'aho bafise ikibazo co kumenya kazoza kabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption N'aho imigwi ya Misri ivyifatamwo neza nka Zamalek (aha kw'ifoto) ico gihugu gifise imishahara iri hasi cane nk'uko bigaragazwa n'ayo matohoza.

Ihiganwa ryo mu Misri riboneka ko ari ryo rikaze cane ku mugabane wa Afrika, uravye imigwi y'ico gihugu ibiri imaze gutwara igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Afrika.

Umugwi wa Al Ahly umaze gutsindira ibikombe umunani, Zamalek bitanu na TP Mazembe ya RDC na yo nyene ifise ibikombe bitanu.

Ariko Misri ni yo ifise imishahara mito cane mu bihugu 13 vyagizwemwo amatohozwa ku mugabane wa Afrika.

Ibice birenga 90 kw'ijana vy'abakinyi bavuze ko bahembwa amahera ari musi y'amadolali 1000.

Mu gihugu ca Gabon, kizokwakira inkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Afrika mu kwezi kwa mbere, ibice 96 kw'ijana vy'abakinyi baridoga ko badahembwa ku gihe.

Amasezerano

Muri Afrika hari abakinyi benshi batagira amasezerano nk'uko vyerekanwa n'ayo matohoza, ibice 40 kw'ijana vy'abakinyi bavuga ko badafise impapuro z'amasezerano.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakinyi b'umupira w'amaguru bamuka muri Afrika kenshi barifotoza bahejeje gushira umukono ku masezerano iyo bakina hanze, ariko bagenzi babo bakiri muri Afrika nta masezerano bafise n'imigwi bakinamwo

Ibihugu bitatu bifise ingorane y'amasezerano ni nka Cameroon ku bice 65 kw'ijana, Gabon ku bice 60 kw'ijana na Cote d'Ivoire ku bice 60 nyena.


Icizere

Ayo matohoza ariko yerekana ko hariho icizere.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinyi b'umupira w'amaguru muri Cote d'Ivoire bahabwa umwanya munini wo kuruhuka

Ku ruhande rw'akaruhuko umuntu ahemberwa, Cote d'Ivoire na Namibia ni vyo karorero kuko biha akaruhuko abakinyi igihe kirenga imisi 30 buri mwaka kandi bakabandanya bahembwa.

Ibi bitandukanye na Misri aho ibice 93 kw'ijana vy'abakinyi bavuga ko bahabwa imisi 10 gusa buri mwaka.

Mu gihugu ca Tunisia ibice 99,5 kw'ijana baronswa umusi umwe gusa buri ndwi wo kuruhuka.


Ukwizera kuronka akazi

Abakinyi benshi bo muri Afrika bafise ubwoba bwa kazoza kabo.

Mu gihe abakinyi babazwa ko boba bafise amakenga ku kazi kabi, ibihugu 11 kuri 13 vyabaye ivyo muri Afrika.

N'aho ibihugu vya Gabon na Maroc bitunze, bifise ibitigiri binini vy'abafise ayo makenga.

Igitangaje n'uko abakinyi bo muri Zimbabwe, igihugu ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rifise ikibazo c'uburyo, gushika bakurwe mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi c'umupira w'amaguru co mu 2018, ivuye ku kunanirwa kuriha umumenyereza, abaikinyi bumva ko bafise akazi kabakwiye gusumba mu bindi bihugu 13 vya Afrika.


Gutegura uko imigwi itsindana

Amatohoza ya FIFPRO, yerekana ko kunanirwa kuriha abakinyi imishahara bishobora kuba ari vyo bituma haba ugutegura uko imigwi itsindana.

Imishahara mito mito yatumye haba ukugerageza gutegura uko imigwi itsindana ku bice 8.3 kw'ijana nk'uko vyerekanwa n'ayo matohoza.

N'aho ibice 10.1 kw'ijana bavuga ko bamenye ko hateguwe uko inkino ziza kugenda mu mahiganwa, ivyo bice vyari hejuru cane gusumba ibihugu vya Buraya bifise ibice 9.8 kw'ijana.

Ibihugu bitatu kuri bitanu vyavuzwemwo cane ugupanga ingene inkino ziza kugenda biri ku mugabane wa Buraya.


Ibiharuro biteye isoni muri RDC

Igihugu usanga ata mukinyi yipfuza kubigira umwuga ni RDC.

Ibice 89 kw'ijana vy'abakinyi muri rdc nta masezerano bafitaniye n'imigwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Igitigiri c'abakinyi bamaze gukubita bagenzi babo ni incuro zitatu muri RDC.

Umwe mu bakinyi bane avuga ko yakubiswe ku musi w'urukino.

Umwe mu bakinyi batanu avuga ko yagiriwe nabi n'abakinyi bagenzi we, kandi ko yashize umukono ku masezerano ku nguvu.

Ikindi kimenyetso c'akazi kabo kagenda nabi n'uko abarenga igice c'abakinyi b'umupira w'amaguru muri RDC bavuga ko baronswa umusi umwe wo kuruhuka buri ndwi.

Ibindi bisa n’ibi