Umunyapolitike avuye hanze yahagaritswe ku kibuga c'indege

Aba Oromo benshi bavuga ko bakumiwe haba mu vy'ubutunzi no muri politike Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Aba Oromo benshi bavuga ko bakumiwe haba mu vy'ubutunzi no muri politike

Ubutegetsi ntiburavuga igituma bwanse ko Merera Gudina yinjira mu gihugu canke ngo busigure ico yoba yagirizwa.

Ikizwi ni uko mu minsi iheze yigeze kwiyamiriza ihagarikwa ry'amajana y'abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Oromo n'aba Amhara, avuga ko kwinjiza igihugu mu mategeko y'ibihe bidasanzwe bidashobora kuzimanganya imyiyerekano y'abagwanya ubutegetsi yamaze umwaka wose.

Inama yabereye mu muryango w'Ubumwe bwa Buraya yari yitabwe n'indongozi zikomeye zo mu batavuga rumwe na reta zirimwo Berhanu Nega arongoye umurwi utemewe n'amategeko aba mu buhungiro.

Abandi bari muri iyo nama bari Feysia Lilesa yiruka marathon aheruka gutsindira umudali w'ifeza, yatumye imyiyerekano yari muri Ethiopia imenyekana igihe adugije amaboko hejuru y'umutwe mu kwezi kw'umunani yipfuza kwifatanya n'aba Oromo baharanira agateka kabo.

Si ubwa mbere Merera aja mu ngorane nk'izo. Yarigeze kumara imyaka indwi afunzwe yiyamirije reta ya Mengistu Haile Mariam.

Yaragize uruhara mu gukuza "Empereur" Haile Selassie.