Igikomangoma Maha Vajiralongkorn yabaye umwami

Umwami arubahwa cane mu gihugu ca Thailande Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umwami arubahwa cane mu gihugu ca Thailande

Igikomangoma Maha Vajiralongkorn yemejwe kuba umwami mushasha w'igihugu ca Thailand, inyuma y'iminsi 50, umwami Bhumibol Adulyadej yari se wiwe atanze.

Igikomangoma Maha Vajiralongkorn yemeye iryo banga amaze kwemezwa ku mugaragaro n'umukuru w'inama nshingamateka ko ari we agiye ku ngoma.

Azokwitwa umwami Rama X, umwami agira cumi ku bamuka kuri Chakri.

Umwami Bhumibol, umwami wa mbere yamaze igihe kirekire ari ku ngoma, yarakundwa n'abanyagihugu ba Thailand. Yatanze itariki 13 ukwezi kw'icumi.

Reta yaciye itegeka ko haba ikigandaro c'umwaka wose.

Maha Vajiralongkorn yagenywe kuba igikomangoma mu 1972.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanya Thailande barabandanya kugandarira umwami Bhumibol Adulyadej wa Thailande, yatanze afise 88

Uwo mwami yatanze yabonwa nk'inkingi ituma igihugu kiguma mu mutekano mu myaka 70 igihugu ca Thailande cari mu midurumbanyo ishingiye kuri politike.

Umuhungu wiwe yotegerejwe kugumana ico cubahiro ariko bivugwa ko umwanya munini awumara ari hanze.

Ico gikomangoma categerezwa kwimikwa inyuma y'umunsi umwe se apfuye ariko umushikiranganji wa mbere Prayuth Chan-ocha yaciye amenyesha ko yasavye kuvyigiza inyuma kugira ngo aronke akaryo gakwiye ko kugandara.

Ni bake mu banyagihugu ba Thailand bazi ivy'ubuzima bw'ico gikomangoma, ico kiri n'ingene kibayeho.

Iyimikwa ntirizoba umwami Bhumibol adashinguwe, ivyo na vyo bikaba vyitezwe mu mwaka uza.

Iyimikwa rya Bhumibol ryabaye inyuma y'imyaka ine umwami bavukana Ananda Mahidol apfuye, yishwe n'inguma zaho yari yarashwe mu buryo budasobanutse.