Ukraine: igerageza rya missiles hafi ya Crimée

Imyimenyerezo ya gisirikare iherutse ya Ukraine yakorewe kure ya Crimée Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Imyimenyerezo ya gisirikare iherutse ya Ukraine yakorewe kure ya Crimée

Inyuma y'iryo gerageza igihugu ca Ukraine ciriwemwo kirekura za missiles ziva hasi ziduga mu kirere, Uburusiya bwiyometseko Crimée mu 2014, bwavuze ko bufata ivyo bikorwa nk'agasomborotso, bugabisha ko bushobora gukororera hasi izo missiles.

Ariko kuri uno wa kane igisata c'Uburusiya kijejwe ukwunguruza abantu n'ibintu cavuze ko Ukraine ija yimuriye kure urubibe rw'akarere yageragerezeramwo ivyo bigwanisho, bigasa n'ivyogabanya amakenga y'Uburusiya.

Umwe mu bategetsi ba Ukraine yavuze kw'iryo gerageza ryisunze amategeko mpuzamakungu.

Mu ntango z'ino ndwi, Ukraine yaragabishije isaba ko ku munsi wa kane n'uwa gatanu ko indege zokwirinda guca mu karere yari yaciriye uburimbi mu buraruko bw'ikiyaga cirabura "Mer Noire".

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'igihugu c'Uburusiya buvuga ko ako karere"katubahirije imbibe z'ikiyaga hamwe n'ubutaka bw'Uburusiya", mu rwandiko rwarungikiwe uwujejwe ibikorwa vya gisirikare mu biro vy'uwuserukira Ukraine mu gihugu c'Uburusiya, nkuko itororokanirizo ry'amakuru "Interfax news agency" ryabishikirije.

Image caption Ikarata yerekana akarere ka Crimée na Ukraine

Uburusiya bwagabishije ko ama missiles buzobona muri ako karere buzoyasambura igihe yoba yohungabanya ibintu vy'Uburusiya, aboba baziteye nabo nyene bagahigwa.

Umusirikare wo muri Ukraine yavuze ko iyo myimenyerezo ikoregwa niburiburi ku birometero 30 uvuye mu karere kagenzurwa na Crimée kandi hisunzwe amategeko mpuzamakungu.

"Kurivyo ntibikwiye kwagiriza Ukraine", niko Volodymyr Kryzhanovsky yabwiye imbonerakure yo muri Ukraine 112 TV.