Adama Barrow ahanganye na Jammeh mu matora ya prezida

Prezida Yahya Jammeh amaze imyaka 22 ku butegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Prezida Yahya Jammeh amaze imyaka 22 ku butegetsi

Abanye Gambia bari mu matora y’umukuru w’igihugu, aho umutunzi yubaka amazu Adama Barrow ahanganye na prezida Yahya Jammeh amaze imyaka 22 ku butegetsi.

Imigambwe nka yose itavuga rumwe na reta iri inyuma ya Barrow muri ayo matora ahanganyemwo na Jammeh avuga ko igitangaro c’Imana kizomuha ikiringo ca gatanu.

Prezida Jammeh ararahira akarengwa ko abatavuga rumwe na reta bacurwa bufuni na buhoro.

Mu gihugu ca Gambia ntiharigera hahererekanywa ubutegetsi biciye mu matora kuva kironse intahe yo kwikukira, cigobotoye mu minwe y’Ubwongereza, mu 1965.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu batatu ni bo bariko barahiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu

Abahagarikiye amatora bavuga ko Barrow, yigeze kuba ajejwe umutekano mu mangazini ya Argos mu Bwongereza, yahaye icizere benshi mu batavuga rumwe na reta.

Imigwi iharanira agateka ka zina muntu yagiriza prezida Jammeh, yigeze kuvuga ko yovura sida n’ubugumba, gukubagura no gucinyiza abantu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Adama Borrow yizeye kurangiza ubutegetsi bwa prezida Jammeh

Benshi mubakuru b’imigambwe itavuga rumwe na reta izwi cane bari mw’ibohero inyuma y’aho bagiriye imyiyerekano mu kwezi kwa kane.

Andorerezi z’ibihugu vya Buraya (EU) hamwe n’abo mw’ishirahamwe rya Ecowas ntibakurikiranye ayo matora.

Ariko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryarungitse indorerezi ziri ku rushi guyakurikirana.