Igiti kirekire cane muri Afrika kiri muri Tanzania

Igiti kirekire gusumba ibindi muri Afrika kiri ku musozi wa Kilimanjaro muri Tanzania
Image caption Igiti kirekire gusumba ibindi muri Afrika kiri ku musozi wa Kilimanjaro muri Tanzania

Abahinga bavuga ko batoye igiti ca mbere kirekire ku mugabane wa Afrika, kiri mu kiyaya kimwe mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Tanzania.

Umwe muri abo bahinga yavuze ko yabonye ico giti mu myaka 20 iheze, ariko ko ari mu misi iheze, barinze gukoresha ibikoresho karuhariwe vyo kugipima babona neza uburebure bwaco.

Ico giti co mu bwoko bwa Entandrophragma excelsum gifise uburebure bwa metero 81.

Abahinga bo mu gihugu ca Tanzania nta co baravuga kuri ico giti catowe.

Abahinga rero batoye ico giti, ubu bashaka gishirwe mu biti bizwi bidasanzwe kw'isi.