Francois Hollande ntazokwongera kwitoza

Perezida w'Ubufaransa Francois Hollande Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Francois Hollande ntazongera kwitoza mu 2017

Francois Hollande, abaye umukuru w'Ubufaransa agira kabiri muri kahise k'ico gihugu, arangije ikiringo ca mbere ntahiganigwe kurondera ikigira kabiri.

Uyu mukuru w'igihugu bivugwa ko yatakaje igitigiri kinini c'abanyagihugu bakimufitiye icizere.

Mu kiganiro yatanze kuri tereviziyo, perezida Francois Hollande yavuze ko yayoboye igihugu c'Ubufaransa imyaka ine n'igice, n'umutima wiwe wose, ariko atahevye intumbero yiwe.

Francois Hollande yagabishije kandi ku mpungenge zitewe n'umugambwe ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'amatwara ya kera, Front National, usa n'ukomeza kwigarurira abayoboke.