'Twasimvye urwo abagwanyi, inzara yo ntidusiga'

Umukozi w'ikigo gitanga imfungurwa riko aragaburira umwana agwaye ingwara y'imirire mi mu bitaro vya Molai General Maiduguri muri Nigeria mu kwezi kwa 11 itariki 30, 2016. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Maiduguri ni ho hari ikigo co gufasha abasinzikaye

Kawu Ashe n'umwe mu bantu boba bashika 120.000 bahanganye n'inzara mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, hasinzikajwe cane n'imbara ya Boko Harm.

Mu kwezi guheze, yafashe ingingo yo guhitamwo ugupfa no gukira mu guhunga ikigwati ciwe inyuma yo kuronka ubutumwa:"Tugira tugaruke gutwara umuhungu."

Abagwanyi ba Boko Haram bishe umugabo wiwe, yadandaza ibitungwa mu myaka ibiri iheze, none ubu baguma bavuga ko umwana wabo w'imyaka ibiri n'igice, Abdullahi ari uwabo.

Kawu arazi ko ategerezwa kugira ico akoze - n'aho ugutoroka vyohanishwa igihano co gupfa.

Image caption Abdullahi afise ikibazo gikomeye c'imirire mibi

Mu gicugu, we n'abana biwe babiri hamwe na mwenewabo mutoyi bihereje ishamba bagenda amasaha icenda ahunga.

Arikon'aho Abdullahi yasimvye urwa Boko Haram, ubu ahanganye n'ikibazo gishobora kumuhitana - c'inzara.

Ari mu bandi ibihumbi amajana n'amajana mu buraruko bwa Nigeria ubu bageramiwe n'ikibazo c'imirire mibi.

Onu ivuga ko "ari ikibazo ca mbere gikomeye muri Afrika" bagahamagarira amakungu gutanga imfashanyo y'amadolali arenga umuriyaridi yo gufasha abantu imiliyoni indwi bo muri ako karere.

Abdullahi asigaye ku magufa, ubu apima ibiro 7, igice c'ibiro yobaye afise uravye imyaka yiwe.

"Nta mfungurwa canke amazi meza arangwa mu kigwati," nk'uko bivugwa na Kawu ari mu kigo cakira abana bafise imirire mibi cashizweho na UNICEF, mu gisagara gikuru ca Maiduguri.

"N'aho twari kuronka izo mfungurwa abagwanyi ba Boko Haram bari guca babidutwara. Ibintu bisa n'uko vyifashe neza gato ngaha. Ariko ndacafise ikibazo co gufungurira abana banje.