Umurwi IS ugira ugwize ibitero ku Buraya

Ubufaransa bwarakomeje umutekano inyuma y'igitero co mu kwezi kwa cumi na rimwe 2015 i Paris Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubufaransa bwarakomeje umutekano inyuma y'igitero co mu kwezi kwa cumi na rimwe 2015 i Paris

Igipolisi ca Buraya kivuga ko mu gihe uwo murwi waneshejwe mu buseruko bwa hagati, ko uriko uritegura gutera ibibanza bitandukanye biri ku mugabane wa Buraya. Kivuga ko abagwanyi b'abanyamahanga bazogerageza gusubira i Buraya kandi ko aboshobora gukora ivyo bitero baza ariyo bari.

Ico gipolisi kivuga ko abo bagwanyi bashobora gukoresha imodoka zitezwemwo ama bombes, bakanyuruza abantu hamwe n'ukubambura ibintu, niko cavuze. Ariko ico cegeranyo ntigiha agaciro kanini ku bitero vyotumberezwa mu bibanza vy'ibikorwa remezo nk'ibirangurigwamwo ibikorwa vya "nucléaire".

Kivuga ko abagwanyi b'umurw "IS"basigaye barondera gutera mu bibanza vyoroshe, mu bitero bigiye kuza ngo bakaba bagiye gukoresha umuntu umwumwe nk'urya yakoresheje ikamyo mu gitero ca Nice mu kwezi kw'indwi.

Ico cegeranyo gikebura kivuga ko hari impunzi zituruka muri Syria ziri i Buraya zishobora gutorwamwo intagondwa zokwinjira mu makambi y'impunzi.

Uburaya buramaze guhungabanywa n'ibitero vyinshi mu myaka ya vuba vyegekwa ku bagwanyi ba IS.