Prezida Jammeh wa Gambia yatsinzwe amatora na Adamu Barrow

Yahya Jammeh yaramaze imyaka 22 ku butegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Yahya Jammeh yaramaze imyaka 22 ku butegetsi

Prezida arongoye Gambia imyaka 22 Yahya Jammeh agiye gusubirirwa n'umuntu akorera mu vy'ubwubatsi Adama Barrow inyuma yaho atsinzwe mu matora rusangi.

Bwana Jammeh, yagiye ku butegetsi mu 1994 abanje guhirika reta, yemeye ko yatsinzwe, nkuko uwurongoye umurwi wakurikirana amatora Alieu Momar Njie yabishikirije.

Imbere yuko hatangazwa icavuye mu matora, Bwana Njie yahamagariye abanyagihugu gutekana mu gihe igihugu cinjiye mu ntwaro nshasha kitamenyereye.

Gambia ntiyari bwace mu gihe aho ubutegetsi buhererekanwa mu mutekano kuva yikukira mu 1965.

Bwana Njie yavuze ko Bwana Barrow yatsinze amatora yo ku munsi wa kane ku majwi arenga ibihumbi 50,000 yarushije uwo bahangana. Afise ishirahamwe rikorera mu vyo kwubaka yatanguje mu mwaka 2006.

Bwana Jammeh w'imyaka 51, ni umu islamu abushitse yavuze ko azotwara "imyaka umuliyardi" ni "Allah yabimurekurira".

"Ni ivy'umwihariko kubona umuntu yatwaye igihugu imyaka myinshi yemera gutsindwa", niko Bwana Njie yabwiye abamenyeshamakuru.