Chelsea FC "yandishe £50,000 ku mabi nakorewe"

Gary Johnson yahora akinira Chelsea Uwufise ububasha kw’isanamu Daily Mirror
Image caption Gary Johnson yahora akinira Chelsea

Gary Johnson yabwiye ikigo c'itangazamakuru "the Mirror" ko yakorewe amabi akiri muto, igihe yari umukinyi mu myaka ya 1970 n'uwitwa Eddie Heath, ubu aza yarapfuye.

Ku bw'iryo tororokanirizo ry'amakuru, mu 2015 Bwana Johnson yarateye igikumu ku masezerano agizwe mu ibanga yemera kwakira £50,000 ahawe n'umurwi, ariko ntiwemera ko hogira icavuga.

Chelsea ivuga ko yagenye ikigo canonosoye ivy'amategeko gukora itohoza ku mukozi yahora ikoresha.

Igipolisi kijejwe gukurikirana ibibazo vy'abana "The NSPCC children's charity" kivuga ko abantu 860 bamaze guhamagara ku murongo wa telefone wagenewe mwenayo mabi, catanguje mu ndwi yahera, inyuma yaho abahora ari abakinyi bamenyeshereje ko bakorewe amabi n'abamenyereza babo.

Igipolisi "The National Police Chiefs' Council"kivuga ko abakinyi 55 barimwo abagize urukino rw'umupira w'amaguru umwuga bariko barakorwako amatohoza mu turere 17.

Bwana Johnson w'imyaka 57, yari umukinyi wa Chelsea kuva 1978 gushika 1981.

Yinjiye muri uwo murwi afise imyaka 11 mu 1970 akavuga ko yakorewe amabi ashingiye ku gitsina na Heath afise imyaka 13.

Bwana Johnson avuga ko yagumye anyegeza ayo mabi yakorewe imyaka myinshi gushika igihe yumvise ivyashikiye Jimmy Savile vyamuhaye ingoga yo kwiserura.

Avuga ko ikigo kigenzura umupira w'amaguru "the Professional Footballers' Association" kitishura iyo agihamagaye kuri telefone, ariko co kikaba cabwiye BBC ko camuvugishije mu kwezi kwa gatanu no mu kwezi kw'umunani 2013, kimuhanura kuja kwitwara mu gipolisi.

Bwana Johnson yabwiye "the Mirror" ko mu 2014 ko igipolisi-kitigeze giserura ico ciyumvira kuri ivyo birego-camuhanuye "gusubira muri Chelsea".

Yagiye mu kigo c'abahinga mu vy'amategeko cavuganye na Chelsea ngo ashumbushwe.

"Chelsea ngo yamusavye gutanga ivyemezo", niko Bwana Johnson yavuze. "Vyatumye niyumvira ko bibaza ko noba mbesha".

BBC imaze kumenya kw'ayo masezerano yo kubigumiza mu ibanga yahanaguwe ku munsi wa gatatu.