Neto yarokotse mu ndege muri Colombia azosubira gukina

Abaganga bavuga ko Neto ashobora kuzosubira gukina nk'ukpo bimenyeshwa na se wiwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abaganga bavuga ko Neto ashobora kuzosubira gukina nk'ukpo bimenyeshwa na se wiwe

Umukinyi w’umupira w’amaguru yacitse kw’icumu mu mpanuka y’indege muri Colombia ku wa mbere ariko atora mitende kandi ashobora kuzosubira gukina, nk’uko bivugwa na se wiwe.

Helio Hermito Zampier Neto, umukinyi w’inyuma wa Chapecoense w’imyaka 31, ameze neza, inyuma yo kubagwa amahaha, ivi hamwe n’igikonjo, nk’uko bivugwa n’abaganga.

Abantu batanu ni bo barokotse muri iyo mpanuka yahitanye abantu 71.

Abategetsi ba Colombia bavuga ko hagenda haraboneka ivyemeza bihagije ko igitoro cari caheze muri iyo ndege.

Miguel Quiroga, umudereva w’iyo ndege yakorewe mu Bwongereza Avro RJ85, yari yagabishijwe n’umwe mu bategetsi wo ku kibuga c’indege ca Santa Cruz, muri Bolivia, aho iyo ndege yahagurukiye, ko igitoro kitaza gukwira, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Bolivian Deber.

Ariko n’aho yari yagabishijwe, umudereva yabandanije urugendo aja Medellin.

Abategetsi b’igihugu gushika ubu nta co barabivugako.

Mu vyamenyekanye, umudereva arumvikana agabisha ko habuze umuriro mu ndege kandi ko n’igitoro giheze.

Iyo ndege yaretse kunywesha i Cobija, ku rubibe Brezil ihana na Bolivia, kubera ko ico kibuga c’indege kidakora mw’ijoro, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru ca O Globo.

Uwo mudereva yashobora kunywesha igitoro Bogota, ico kinyamakuru kikavuga ko, iyo ndege ariko yaciye ibandanya i Medellin.

Igisata kiraba ivyo indege cahagaritse uruhusha rwa LaMia, uwo muderava yakoramwo.