Perezida Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora ya Gambia

Yahya Jammeh yatanguye gutwara Gambia kuva mu 1994 Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Yahya Jammeh amaze imyaka 22 ku butegetsi

Uwumaze gutangaza ko yatsinze amatora ya Gambia, Adama Barrow, mw'ijambo yashikirije ubwa mbere inyuma yo kumenyeshwa ko yarushije perezida Yahya Jammeh, yatangaje 'igihugu gisha'.

Adama Barrow yabwiye BBC ko bwana Jammeh yamwihamgariye akamubwira ko yemeye ko yarushijwe.

Avuga ko ibiharuro vyavuye mu matora yo ku munsi wa kane vyerekana ko igihugu kigiye mu bihe bishahsa vy'umwizero.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Gambia avuga ko bwana Barrow, yahora ari umugwizatunga mu rudandazwa rw'amazu, vyabonetse ko asa n'uwatangajwe n'iyo ntsinzi.Umukuru w'akanama kajejwe gutunganya amatora Alieu Momar Njie, yavuze ko perezida Yahya Jammeh yamaze kwemera ko yarushijwe.

Imbere yo gutangaza ibiharuro ntabanduka vyavuye mu matora yo kuri uyu wa kane, bwana Njie yabanje guhamagarira abanya Gambia kuguma batekanye mu gihe igihugu cinjiye mu bihe batari bamenyereye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Adama Barrow vyabinetse ko akunzwe n'abakiri bato

Kizigenza mu batavuga rumwe n'ubutegetsi Adama Barrow, yamurushije amajwi arenga 50 000.

Kugeza ubu nta wurumva akajambo kuri perezida Yahya Jammeh ubwiwe.

Yari yigeze kuvuga ko azotwara n'imyaka igera ku mamiriyaridi nimba 'Imana ibishatse'.

Uyu mutegetsi yari atwaye Gambia kuva mu 1994, yanegugwa cane ko atota imigwi iharanira kubahiriza agateka ka zina muntu, imigambwe itaruga rumwe n'uwuri ku butegetsi hamwe n'abahuza ibitsina babisangiye.