Abagore 100: guharanira gupfa neza

Kugabanirizwa ububabare ni ngombwa ku wuri ku mpfiro Uwufise ububasha kw’isanamu KATE NEI
Image caption Ikigo kiwme rudende cakira abari ku mpfiro muri Malawi cashinzwe na Lucy Finch

Lucy Finch, yagendeye igihugu c'amavuko ca Malawi mu 1998, aho yari ajanywe no kugwaza murumunawe yari afise umugera wa SIDA, yumva amaborogo y'umuntu yariko arasamba ari ku mpfiro, bituma agaruka mu gihugu kwubaka aho abageze ku mpfiro baruhukira.

Malawi ni kimwe mu bihugu bikenye cane kw'isi, gifise n'ubuvuzi bubayabaye, igihugu Lucy Finch yagendeye mu 1998, ahakura iciyumviro co kwubaka ikigo gifasha abantu kurangiza urugendo rwo kw'isi, bafise amahoro kandi batababara cane.

Lucy Finch, avuga ko kubwiwe, ibituma umuntu yumva ko 'asezeye ubuzima neza', ari bimwe hose kw'isi.

Ica mbere ngo n'ukumenya ko ugiye gupfa, atari ukubishishwa, ikindi ngo n'ukugabanirizwa ububabare uko bishoboka kwose, ariko ukitegura.

Ibi ngo biha umuntu amahigwe yo kwitegura no gutegura abo ukunda, bigatuma umuntu yegera urupfu atekaniwe.

Ikindi ciza ngo n'ugupfira imuhira iwawe, uri kumwe n'abakunzi ba hafi.

Lucy Finch avuga ko umwe wese afise urupfu rwiwe, ata wundi rero yari akwiye gufatira ingingo umuntu ari ku mpfiro y'ikibanza yorangirizamwo ubuzima bwiwe , canke abo boba bari kumwe.

Ariko muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara, ibi vyose biguma ri nk' ivyifuzo kuri benshi, kuko guhitamwo bitabashobokera, kiretse uwuri y'ikigo ca Ndi Moyo.

Uwufise ububasha kw’isanamu KATE NEIL
Image caption Ibitaro muri Malawi bifise ibibanza bito cane

Umwete wo kuzana ikigo nka ben' iki gitanga ubufasha bwo kuruhuka mu mahoro ku bari ku mpfiro mu kubagabaniriza ububabare n'umubabaro muri Malawi, igihe mwene nyina wa Lucy Finch yari mu bitaro.

Ico gihe umusirikare yari ku mpfiro mu cumba babangikanije, ngo yaraye arasambagirika ari ku maborogo kubera ububabare bw'umurengera, ata n'umwe yashobora kumugabaniriza kuko ata muti wo kumufasha wariho.

Lucy Finch avuga ko atazokwibagira na mba amaborogo y'uwo musirikare, ubuzima bwiwe bwariko butabagurika , ari ngaho we nyene, ahanganye n'ububabare hamwe n'ubwoba bw iyo agiye atazi.

Ikiza ca SIDA gitegwa n'umugera wa VIH cayogoje Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara mu myaka ya 1980, catumye gufasha abageze ku mpfiro kugabanirizwa ubuabbare biba ivyihutirwa

Ibigwara vya cancer vyanduruka kuri uwo mugera ntivyatumbera abasaza, ahubwo abakiri bato bakirangura amabanga y'abubatse.

Hatabonstse ubwo bufasha buborohereza ubbabare bageze ku mpfiro, gutabaruka batarinze kubabara cane, kandi babizi rero ntivyashboka.

Ni kuri izo mpamvu ikigo co kubafasha catangujwe muri Malawi.

Ico kigo gitandukanye n'ivyo mu bihguu vya Bulaya, aho usanga ubwo bufasha butangigwa ahameze nk'ibitaro vy'abageze kure.

Uwufise ububasha kw’isanamu KATE NEIL
Image caption Abageze ku mpfiro bakunda guhereza ubuzima muhira

Akenshi abagwayi muri Afrika bifuza kurangiriza ubuzima ahiherereye, bari kumwe n'incuti za hafi, abagshobora kwegerezwa ubwo buryo muhira.

Kubera ubukene buri mu bitaro vya Malawi, usanga ata bibanza bikwiye Bihari, ku buryo umuntu ashobora kwisanzura.

Umugwayi abwirizwa kwitwarira uwumufasha, nko kwiyuhagira canke gufungura.

Birahambaye ko ubwo bufasha butangura umugwayo akimenya ikibazo c'amagara yiwe, aho kurindira ko agera ku mpfiro.

Ibi bimuha akaryo ko kwitegura no gutegura abiwe, uwboba bw'abo assize inyuma n'ubwiwe bwite bigahera.

Ubwo bwoba kandi buratahurika kuko abaganga ba cancer muri Malawi ntibarenga babiri ku miriyoni 17 z'abanyagihugu, aho ata n'ikigo gifasha abagwaye cancer kihari.

Uwufise ububasha kw’isanamu KATE NEIL
Image caption Jonathan yari agwaye SIDA na cancer yo mu muhogo, aya macupa arimwo Morphine imufasha kugabanya ububabare
Uwufise ububasha kw’isanamu KATE NEIL
Image caption Umuryango wa Jonathan urindirirye hanze

Uburyo buhari bwo kubafasha usanga ari ubwo kubagabaniriza ububabare gusa, aho kuvura mu nzira yo gukiza.

Hari kandi n'ikiabzo co kutameneya kare ku bantu bafise ico kibazo ca cancer, bakaza kubimenya ari uko bageze kure, aho usanga igisdigaye ari ukwo kubagabniriza ububabare gusa.

Muri Afrika ibice 50% ntibigera babona umuganga ubuzima bwabo bwose.

Hari abakoresha ivyatsi, canke bakaja ku bavuzi bamwe ba rumenyi bazimbutse kurusha ab'ikizungu.

Nko muri Uganda, usanga hari umuvuzi wa kera aharugwa ko avura abantu 450, nayo umuganga w' ikizungu akagira 20,000.

Muri ico kigo ca Malawi usanga ubufasha bwose butangwa n;abavuzi bamwe, kuko uburyo Atari bwinshi.

Abavuzi bafasha umugwayo ku vyo amagara yumubiri wiwe, impanuro ndetse no ku muremesha

Bitandukanye no mu bihugu vya Bulaya, aho buri kibazo kiba gifise umuganga yihariye.

Lucy Finch avuga ko bizwi neza ko iyo ibibazo umugwayi afise vyo mu mutima atabifashijwemwo, na bwa bubababre bwo ku mubiri buba bugoye kumugabaniriza.

Ikigo ca Ndi Moyo kirimira iumiti imwe imwe yo gufasha abagwayi.

Aho harimwo iyo bita:

  • Ibicayicayi ifasha abagwayo kwiza ubumara buri mu mubiri
  • Aloe isomora ibikomere igafasha n'urura gukora neza
  • Artemisia ifasha kwongereza inguvu z'abasirikare mu mubiri
  • Imikamyi y'igipapayi ifasha gusukura no kwica imigera
  • Vinca rosa ishira ku rugero rwiza uturemangingo bita gobules blancs turi um tugize amaraso.

Ubufasha bwo ku mutima buha akaryo umugwayi ko kwiyunga n'abi bagiranbiye ibibazo, akababrira nawe akababarigwa, akagira ubucuti busha nabiwe.

Image caption Iyi ni incuro ya kane, w'isekeza rya BBC riha ijambo buri mwaka abagore benshi bashoboka

Kubwa Lucy Finch, ngo biragoye kumbure ku baganga bo muri Afrika kuko bo bafise bike vyo guhitishamwo umugwayi mu gihe umuti kanaka ataco umufashije, bitandukanye no mu bihugu vya Bulaya bashobora guhindurira umuntu kuko bafise amahitamwo.

Ubufasha butangw amu kigo ciwe, ahanini ngo nti buba buri mu ntumbero yo kwingera iminsi umugwayo yo kubaho, ahubwo ngo kuka ari ubwo kumwongera ubuzima mu minsi asigaje.

Lucy Finch ari ku rutonde rw'abagore b'intangarugero BBC yahisemwo kuvugana nabo mu kiringo c'isekeza ry'indwi zitatu, mu ntumbero yo kubaha ijambo no kwubwira amahanga ibikorwa vy'akarorero vyabo, isekeza ryise #100women.

Ibindi kuri iyi nkuru