Trump n'abiwe ntibashaka ko amajwi asubira guharugwa

Leta za Michigan, Pennsylvania na Wisconsin niho amajwi azosubiramwo guharura Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Guharura birakomeza muri Leta ya Wisconsin

Umukandida w'umugambwe Green Party Jill Stein, yasavye ko amatora asubigwamwo guharugwa mu ma leta ya Michigan, Pennsylvania na Wisconsin, aho Donald Trump yaronse amajwi atari yitezwe.

Umushikirizamanza mukuru wo muri Leta ya Michigan, asanzwe ari umu Republicain, yaramaze gushingisha urubanza mu kubuza ko ayo majwi aharugwa.

Abanyamakuru bavuga ko gusubiramwo guharura amajwi yavuye mu matora ataco vyohindura cane ariko Stein avuga ko arondera ko ukuri kuja ahabona.