Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano yatanze imihoho

Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano Matteo Renzi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano Matteo Renzi

Umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano Matteo Renzo yatanze imihoho inyuma yo gutsindwa mu matora ya kamarampaka yo guhindura ibwirizwa shingiro.

Mu kiganiro yatanze mw’ijoro, yavuze ko yemeye ivyavuye mu matora, aca avuga ko impande zose ubu zikwiye gutanga ivyiyumviro vyumvikana.

Inyuma yo guharura amajwi, abahakanye batsinze ku majwi 60% kuri 40% ya ego.

Abitavye amatora ni 70%,yabonwa nk’akaryo ko kwerekana ivyo batumvikanako n’umushikiranganji wa mbere.

“Turoranirwe twese,” ni ko Renzi yabwiye abamenyeshamakuru.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Akamwemwe k'abatoye Oya mu mabarabara y'i Roma

Yavuze ko ashobora kubwira inama nshikiranganji uyu musi ko atanze imihoho, hanyuma ashikirize ikete prezida w’Ubutaliyano.