Mourinho aremanga ingingo yo kwinjiza Fellaini yatumye banganya

Fellaini yitegura kwinjira mu rukino rubahuza na Everton
Image caption Fellaini yitegura kwinjira mu rukino rubahuza na Everton

Uwo mukinyi aturuka mu gihugu c'Ububiligi yatanze "penalty" ku munota wa 85 yinjiye, aba atumye aba "Toffees" baronka inota rimwe.

Mourinho yavuze ko kwinjiza Fellaini vyari "bikwiye" uravye ingene areha n'ingene Everton yariko irakina.

"Nibaza ko warukwiye kumenya ivy'umupira w'amaguru kurusha aho", niko uwo mumenyereza wo mu gihugu ca Portugal yavugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru.

"Everton si umurwi ukina uhererekana nka kera. Everton ni umurwi ukina uja imbere: umunyezamu afashe umupira atera imbere, Ashley Williams akina ajana imbere, Ramiro Funes Mori imbere. Bose batwara imbere.

"Iyo mu barindiriye gukina ufise umukinyi afise imetero zibiri [z'uburebure] uca umushira imbere y'abakinira inyuma kugira ngo afashe umurwi gutsinda".

United yagiye hejuru ku kibuga ca Goodison Park igihe Zlatan Ibrahimovic atwaye umupira awucishije hejuru agaca yinjiza, tukaba twari tugiye kuronka intsinzi ya gatatu mu nkino 11 igihe Fellaini asubiriye Henrikh Mkhitaryan.

Haheze iminota ibiri, ikosa yagize kuri Idrissa Gueye ryatumye Leighton Baines yinjiza igitsindo co kunganisha.

Ukwo kunganya kubaye ukwa gatandatu kuva mu kwezi kw'icumi ku ba Red Devils, mu gihe Mourinho amaze gutsinda inkino icenda mu nkino 30 za nyuma za league akinishije imirwi ya Chelsea na United.

"Ntituronka igihembo tuba dukwiye", niko yavuze. "Tuguma tunganya kandi twari dukwiye gutsinda.

"Abo duhangana bava ku kibuga baryohewe kubera amanota batari bakwiye natwe tukahava tubona ko twari dukwiye vyinshi kurusha ivyo turonse."