Kenya: Abaganga bahagaritse akazi kubera umushahara muto

Abaganga ba Kenya mu myiyerekano yo guhagarika akazi
Image caption Abaganga ba Kenya mu myiyerekano yo guhagarika akazi

Mu gihugu cose, abakozi barenga 5000 nibo bahagaritse imirimo bituma abanyagihugu bahora birukira mu bitaro vya reta baja kuronderera ico batabara ku bitaro vy'abikorera utwabo.

Haraheze imyaka itatu ishirahamwe ry'abaganga, abahinga b'amenyo hamwe n'abo mu gisata c'imiti, aba "pharmaciens" bateye igikumu na reta ku masezerano yo kuduza imishahara.

Umunyamabanga mukuru waryo Dogiteri Ouma Oluga asaba ko yoshirwa mu ngiro ariko agasaba abanyagihugu kubihanganira.

"Ku banyagihugu turasavye ikigongwe reta ntiyitaho ivy'agateka kanyu. Muri mu bihe vy'akababaro n'abaganga bari mu kababaro. Ni igihe abakenya n'abaganga bakwiye kwiyunga bakarangiza akababaro barimwo. Baganga bo muri kenya n'abo mu ntara nta ntambara zoroshe tukirwanye, nimwiteguririre intambara ikomeye kuko ntituzosubira ku kazi amahera ya CBA atagiye ku ma konte,"niko Oluga yavuze.

Murayo masezerano umukozi wo hasi yohembwa kuva ku madolari 350 gushika ku 1000, uwuri hejuru nawe akaronka ayoshika ku 3700. Muri ico gihe Reta yoba ikeneye amahera angana na miliyoni 80 z'amadolari ku mwaka ngo ishobore kuriha abo bakozi, bo bavuga ko atabuze ahubwo ko aherera mu mipfuko ya bamwe. Abo bakozi basaba ko nibindi bibazo nk'ivy'i garade, ukuduzwa mu kazi, ukwimurwa n'ibindi navyo nyene vyokwicarigwa.

Ibitaro vya reta 2700 bigiye kubura abaganga igihe kirekire. Ubutegetsi busaba ko ibiganiro bimaze igihe bikorwa vyobandanya, abanyagihugu ntibarwe mu mporero.

Umuvugizi wa reta Eric Kiraithe yamenyesheje ko bagiye kwicarira ico kibazo, ku neza y'abanyagihugu.

"Turiko turihweza ingene vyifashe hanyuma turabe ico twokora, kuko ingorane abanyagihugu barimwo na cane cane mu mavuriro yo mu gihugu hagati ziteye amakenga menshi,"niko yavuze.

Image caption Umunyagihugu wa Kenya mu bitaro

Ubutungane bwari bwiyamirije iyo yegereyegere bitewe nuko imirwi yose uko ari ibiri yari yumvikanye ko igiye kuronderera inyishu mu biganiro. Biragoye kuvuga ingene bigiye kubandanya na burya abahagaritse akazi barereka ama "comptes" yabo kugira basubire mu mirimo. Hagataho abanyagihugu basanzwe na cane cane abafise uburyo buke nibo bagiye kwinjira mu bibazo bikomeye vy'amagara.