Ibihugu bitanu vya Afrika vyiyamirije "ibitoro bicafuye" biva i Buraya

Isumu rya "Sulphur" riva mu bitoro vyo mu bwoko bwa "diesel" ngo riri mu bikunze gutera ingwara zishingiye ku myuka mibi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Isumu rya "Sulphur" riva mu bitoro vyo mu bwoko bwa "diesel" ngo riri mu bikunze gutera ingwara zishingiye ku myuka mibi

Icegeranyo ca vuba kimenyesha ko amashirahamwe ya Buraya yahora yifashisha ukutubaha amategeko akagurisha mu karere ka Afrika y'uburengero ibitoro bifise urugero runini rwa "sulphur".

Ibihugu vya Nigeria, Benin, Togo, Ghana, na Cote d'Ivoire vyemeranije guhagarika igurisha ry'ivyo bitoro.

Onu ivuga ko iyo ngingo izotuma abantu imiliyoni 250 bahema neza kurusha kandi bakoreshe impwemu zirtyoroye.

Uduhimba twa "sulphur" tugururwa n'imoteri ikoresha ibitoro vya "diesel" turi mu vyonona impwemu, ishirahamwe ryitaho amagara y'abantu "World Health Organization" (WHO) rikavuga ko turi mu vyonona kurusha amagara y'abantu.

Ngo dutera ingwara z'umutima, "cancer" yo mu mahaha n'ingorane zo guhema.

Mu cegeranyo igisata ca Onu citaho ukubungabunga ibidukikije UN environment programme casohoye kivuga ko iruhande yo kwinjiza ivyo bitoro bicafuye, ivyo bihugu vyo muri Afrika y'uburengero vyumvikanye gusanura ibigo vy'ivyo bihugu biyungurura ibitoro.

Ico gikorwa gisabwa gushirwa mu ngiro n'amashirahamwe ya reta hamwe n'ay'abikorera utwabo ngo kizotuma ibitoro vy'ivyo bihugu bitanu bija ku rugero amakungu asaba.

Ico cegeranyo casohowe mu kwezi kw'icenda ku Buraya ku bijanye no kugurisha ibitoro hanze, gitunga agatoke igihugu c'Ubuswisse mu kuba mu bigurisha ibitoro bicafuye vya diesel bisanzwe bibujijwe ku mugabane wa Buraya.

Ico cigwa cakozwe n'umurwi , "Public Eye", kivuga ko hari abantu ku giti cabo bikika mu kiza kubera amategeko adakaze.

Erik Solheim, arongoye "UN Environment Programme", yakeje ukwo guhagarika ivyo bitoro.

"Afrika y'uburengero ni nkaho yarungitse ubutumwe bukomeye ko itagikeneye ibitoro bicafuye bivuye i Buraya",Solheim niko yavuze.

"Ingingo vyafashe yo gushinga amategeko yotuma hagurishwa ibitoro bisukuye bituma imodoka zisohora imyuka yemewe yerekana ko bishira imbere amagara y'abanyagihugu", niko yabandanije avuga.