Abasirikare b'abarundi bari mu bashinjwa na ONU muri RCA

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare ba ONU muri Repubulika ya Centrafrique

Umuvugizi w'umuryango w'abibumbye - Stephane Dujarric - avuga ko iperereza ku bikorwa by'ihohotera rishingiye ku gitsina byakozwe n'abasirikare ba ONU muri Repubulika ya Centrafrique (RCA) ritunga agatoki abasirikare 41 mu bashinjwa.

Bwana Dujarric avuga ko abasirikare 25 ari abo mu Burundi naho 16 bakaba bava muri Gabon.

Umuryango w'abibumbye uvuga ko ari ishingano z'Uburundi na Gabon kubakoraho andi maperereza.

Ibi ngo ni ukubera ko amategeko agenga abasirikare ba ONU avuga ko ibihugu bibatanga, mu rwego rw'amategeko aribyo bigomba kubacira imanza iyo bakoze icyaha iki n'iki.

Abasirikare b'abafaransa bo mu ngabo za ONU muri Centrafrique bakunze gushinjwa ihohotera rishingiye ku gitsina muri icyo gihugu.